Irengutswa rya Jacob Zuma ryerekanye ko agifise abamushigikiye

Zuma yitavye urubanza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ukwitaba kwa Jacob Zuma hari ababona ko ari ubwigenge bw'ubutungane

Aho yarengutswa uno munsi n'ubutungane bumwagiriza ibiturire, bamwe mu bategetsi b'intwaro iriho ubu, bahashitse. Cabaye nk'insiguro y'uko amatora yimirije atawuzi uko azogenda.

Abantu baharurwa mu majana nibo bakoraniye imbere ya sentare nkuru y'I Durban muri Afrika y'epfo.

Abo ni abashigikiye Jakob Zuma yahoze aramutswa ico gihugu, aho yitaba uno munsi ubutungane bumwagiriza ibiturire.

Abenshi mur'abo bamushigikiye ni abaturuka mu karere avamwo, mu ntara ya KwaZulu-Natal, ahahamagarijwe n'urwo rubanza.

Mu majambo yababwiye mu rurimi rwa Isizulu, inyuma yo kwitaba ubutungane, yavuze ati "Nimba uru rubanza rubwirizwa kuba, nta bwoba mfise yo kuruhanga".

Urwo rubanza rwungururijwe italiki ya 27 z'ukwezi kw'indwi.

Abategetsi batari bake bari bashitse kumushigikira.

Bahagaze ahari hashizwe ibimenyetso ntarengwa, hanze y'iyo sentare.

Abamushigikiye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jacob Zuma yarashigikiwe mu rubanza rw'uno munsi

Mur'abo, hari mwo Supra Mahumapelo yahoze arongoye intara y'uburaruko bushira uburengero. Uyo yatanze imihoho mu kwa gatanu guheze.

Yari yaremerewe n'umugambwe uri ku butegetsi ANC, kur'ivyo bijanye no kurwanya ibiturire.

Ariko abo bashigikiye Jacob Zuma, babonwa nk'akarwi k'abiyererezi, kuva aho Zuma yirukaniwe ku butegetsi, n'umugambwe wiwe ANC.

Aho hari mu kwa kabiri kw'uyu mwaka.

Ibi vyabaye uno munsi bisa n'ivyemeje ko uyu mugambwe ANC ushobora gucamwo ibice, cane cane mu matora rusangi yimirije.

Ico ni igikuru muvyo Presida Cyril Ramaphosa yitezwe ko, kurwanya.