Federer yatsinze ubwa gatandatu Australian Open

Roger Federer abaye umukinyi wa Tennis wa kane atsinze amahiganwa arenga 20 akina ari umwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Roger Federer abaye umukinyi wa Tennis wa kane atsinze amahiganwa arenga 20 akina ari umwe

Umukinyi rurangiranwa wa Tennis Roger Federer yatsinze ubwa gatandatu ihiganwa Australian Open, ubwa mirongo ibiri ihiganwa Grand Slam ku ma seti atanu ahiganwa na Marin Cilic.

Uwo munya Suisse yatsinze kuri 6-2 6-7 (5-7) 6-3 3-6 6-1.

Federer w'imyaka 36, abaye umukinyi wa kane inyuma ya Margaret Court, Serena Williams na Steffi Graf, atsinze incuro zirenga 20 akina wenyene.

"Ni indoto yavuyemwo ukuri hanyuma imigani igoye gutegera irabandanya," niko Federer yavuze.