Mu Burundi abantu barashima ko ijuru ryagenze neza

Niko bavuga iyo umwimbu wabaye mwiza, ivyo kurya bikaboneka ku bwinshi, ku masoko ibiciro bikagabanuka, ubu hari bimwe bimwe bimaze kugabanuka gushika ku bice hafi 50 kw'ijana.
Ibiraya bita kijumbu bisigaye bigurwa amajana atanu vyahora ku majana umunani, bikaba ari vyo bisa n'ivyasubiriye Ruhengeri biva mu Rwanda ku bakunda amafiriti.
Umwe mu babigurisha kw'isoko bita COTEBU mu gisagara ca Bujumbura yagize ati ''Ikiro ni majana ane na mirongo itanu. Vyahora ku majana umunani na mirongo itanu gushika ku gihumbi.''
Uwundi ati ''Ibinyarwanda bisigaye biza rimwe rimwe kubera bizimvye. Bigurwa amajana umunani, amajana umunani na 50. Baca bagura ibi vy'iwacu kuko navyo birakora amafiriti kandi bigurwa amajana atanu.''

Ibiharage bisanzwe biri mu vyo Abarundi barya buri munsi navyo nyene vyarakorotse igiciro cane.
Ivyo batazira ''jaune'' vyavuye ku gihumbi n'amajana indwi, ubu biri munsi y'igihumbi n'amajana abiri.

N'imboga zaragabanutse igiciro cane, ishu ryahora ku majana indwi ubu urarironka ku majana atatu canke amajana ane.
Ijuru ryagenze neza
Abarongoye intara zitandukanye z'u Burundi bamaze iminsi bashikiriza ko umwimbu muri rusangi wagenze neza mu gihugu kubera imvura yaguye neza kandi ata ruzuba rwatse.
Ibifungurwa vya nkenera cane nk'ibiharage, ibigori, ibiraya n'imyumbati vyose bivugwa ko vyabonetse.
Gusa abamenyereye amasoko bavuga ko ivyo biciro biri hasi bitazoteba cane.
Umwe mu badandaza ibiharage yagize ati ''Iyo ibiharage bitanguye kwuma neza bikabikika, bica bisubira kuzimba''.
Kandi hatanguye irima ry'impeshi kuva mu kwezi kwa gatatu ibiciro bica bisubira kuduga kuko nk'ibiharage bimwe biba vyakoreshejwe nk'imbuto.










