Ubudagi: Merkel mu yabira ibiganiro bihagaze

Ahavuye isanamu, AP
Umukuru wa leta y'Ubudagi Germa Chancellor Angela Merkel ageze mu yabira, inyuma yaho ibiganiro yararongoye vyo gushira imigambwe mu runani ataco bishitseko.
Vyitezwe ko umukuru w'igihugu, Frank-Walter Steinmeier, aca aja mu biganiro na Madamu Merkel ngo bihweze icokogwa.
Umugambwe wiwe w'abagendera ku vyiyumviro vya kera "Chrétiens démocrates" hamwe n'umugambwe ushigikiye ibidukikije "Les Verts", iridogera umugambwe w'abashigikiye demokarasi bigenga "Les Démocrates Libres" kuba bavuye mu biganiro ku munsi wa Mungu.
Mu gisagara ca Paris, Perezida Emmanuel Macron yavuze ko Ubufaransa ataco bwunguka mur'urwo ruhagarara ruri mu Budagi.
Ubuholandi bwavuze kw'ibiriko biraba mu Budagi ari amakuru mabi ku mugabane wa Buraya.
Perezida Steinmeier ashobora guhamagaza amatora mashasha, ariko umugambwe wa Madamu Merkel ngushobora kutemera ko aba ariwe awuhagarariye muri ayo matora mu gihe ingingo yafashe yo kwugururira imbibe impunzi mu 2015 yatumye umugambwe utakaza abayoboke, niko umumenyashamakuru aserukira BBC i Berin yavuze.






