Abatwa batanguye kwigurira amatongo mu Burundi

Abatwa bo mu ntara ya Bururi baronse akazi kabafasha kwigurira amatongo
Insiguro y'isanamu, Abatwa bo mu ntara ya Bururi baronse akazi kabafasha kwigurira amatongo

Imiryango 30 y'abatwa yirukanywe ku musozi Mugozi mu ntara ya Bururi iriko irigurira amatongo mu mahera yagiye iraziganya mu kazi ikora.

Abo batwa bari bamaze imyaka mirongo ibiri kuri uwo musozi, ariko ukaba uherutse guhabwa abahubaka inyubakwa za kijambere.

Ubu baba mu tuzu duto duto twegeranirijwe mu kibanza gitoya, ntibagira n'aho bubaka utuzu twa surwumwe.

Benshi bavuga ko batarigera bagira itongo kuva bavuka.

"Maze imyaka mirongo itanu, nakuze mbona ata tongo dufise turi abagererwa," uko ni ko Budabuda Anatole w'imyaka mirongo itanu avuga.

Uwundi mupfasoni avuga ati:" Nta matongo dufise. Aha twari twahahawe na musitanteri, none bariko barahatwirukana kandi tudafise iyo tuja."

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo c'amatongo y'abatwa, abatwa barahawe akazi, aho bahembwa ibihumbi bine ku musi.

Abatwa bakora ibarabara mu Burundi
Insiguro y'isanamu, Abatwa bakora ibarabara mu Burundi

"Tubahemba ibihumbi bine ku musi. Igihumbi n'amajana atanu baca bayatahana ubwo nyene, 2500 tukayababikira. Ubu bafise ikigega kirmwo imiliyoni 12. Yose akaba agenewe kubagurira amatongo," ivyo bikaba bivugwa na Nzigiyimba Leonidas yahaye ako kazi abo batwa, akaba ashinzwe ibidukikije mu Bumanuko bw'Uburundi.

Igikorwa c'abo batwa n'ugukorera ibarabara rija mw'ishamba cimeza rya Bururi, hamwe n'akayira kaja ku gasumo ka Siguvyaye, kari musi y'uwo musozi.

Ako kayira gapima igice c'ikirometero umanuka mu mwonga, baragashashemwo amabuye kose.

Inzira abatwa bakoze, bayisasamwo amabuye
Insiguro y'isanamu, Inzira abatwa bakoze, bayisasamwo amabuye

Abo batwa ubu baramaze kugura itongo ringana igice c'ihegitari, n'ubu bakaba babandanya kurondera ayandi matongo bagura.

Bubaye ubwa mbere abatwa bashobora kwigurira amatongo ubwabo.