Didier Drogba

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:54 GMT
Didier Drogba

Mu kwa gatanu uyu mwaka, Didier Drogba niho yasezera inyuma y'ibiringo umunani muri Chelsea aho yarangiye ari nyene ibikorwa mu rukino rwa nyuma rwa Champions Leagye ya Bulaya.

Drogba, yari yananiwe n'ugutsindira ico gikombe imyaka ine imbere y'aho, yinjije penatly yatumye uwo mugwi wo mu Bwomgereza utahukana ico gikombe c'umugabane wa Bulaya ubwa mbere kuva ubaho.

Uwo mukinyi w'imyaka 34, amaze kwandika izina ryiwe ku buryo budafudika mu mupira w'amaguru w'Ubwongereza, yaciye afata akayira ko kuja kuraba ahandi bweze mu kwemera gukinira umugwi wo mu cicaro ca mbere mu Bushinwa, Shanghai Shenhua.

Uwo mukinyi w'icamamare w'umunyeCote d'Ivoire bivugwa ko yasinyiye umushahara w'ama dollars ibihumbi amajana abiri ($200.000) ku ndwi, bu no nyene aca atangura kwerekana ico amaze mu kwinjiza ibitsindo 8 mu nkino 11.

Urukino rwa nyuma rwa Drogba i Munich ntaho rwahuriye n'urwari rwabaciye intege mu mezi make yari ashize, igihe yariko arakinira igihug ciwe mu gikombe ca Africa. Uwo mukinyi yari yashikanye umugwi wiwe mu rukino rwa nyuma ubugira kabiri.

Yinjije ibitego 150 mu nkino 350.

N'aho mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Africa mu myaka itandatu imbere aho bahura na Egypt, za penalty nizo zaciye urubanza.

Ku gikombe giheruka, abanyezambia ata n'umwe yari abiteze nibo bamutwaye intsinzi yari yizigiye.

Mu gihe yakiniye Chelsea,Drogba yinjije ibitsindo birenga 150 mu nkino zishika 350. Ytaindiye igikombe ca Premier League incuro zitatu , FA Cup incuro zine, League Cup nayo kabiri.

Mu kwezi kw'icumi abakunzi ba Chelsea bamutoye ko ariwe mu kinyi wa mbere akomeye wa Chelsea kuva yitwa.

Mu gihe yari amaze kuba Umukinyi w'UmunyaAfrica wa BBC w'umwaka mu 2009, Drogba yatanguye kuja ku rutonde atevye ariko ntiyigeze atakaza akanya ko kuba umjunyafrica rurangiranwa mu makungu.

BBC © 2014BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.

]]>