Kurt Zouma: West Ham iriyamiriza uyu mukinyi wayo inyuma y'ireresi imwerekana akubita inyabu

Ahavuye isanamu, Visionhaus
West Ham United "iriyamiriza yivuye inyuma" umufaransa Kurt Zouma inyuma y'ireresi yamwerekanye atera imigere yongera akubita inyabu (injangwe mu kinyarwanda) yiwe.
Iyi reresi yerekana uyu mukinyi w'inyuma w'imyaka 27 atera imigere iyi nyabu iri hasi ayikubita n'amakofe mu maso.
Yasavye imbabazi, ariko umurwi wiwe uvuga ko uzokwiga ikibazo ciwe hagati mu murwi.
Mw'itangazo yasohoye, avuga ati: "Nashaka gusaba imbabazi ku vyo nakoze. Nta nsiguro notanga ku nyifato nagize, kandi birambabaje cane".
"Nshaka kandi gusaba imbabazi kuri uyo wese yababajwe n'iyi reresi. Nohumuriza buri muntu wese ndamubwira ko inyabu zibiri zacu zompi zimeze neza kandi ko zifise amagara meza".
"Zirakundwa zigakundwakazwa cane mu muryango wose, kandi ibi vyabaye ni ibintu bitari bikunze kuba, mbere ntibizosubira".
Iyindi reresi yasohowe ubwa mbere n'ikinyamakuru The Sun ivugwa ko yafashwe na mwenewabo wa Zouma, Yoan, yerekana uyu mukinyi atera ibitaro iyi nyabu yongera ayirukana.
Uyu murwi waguze uyu mukinyi mu ci riheze umukuye muri Chelsea ku miriyoni zirenga 40 z'amadorari y'abanyamerika uvuga uti: "West Ham United iriyamiriza yivuye inyuma inyifato ya Kurt Zouma muri iyi video izunguruka".
"Twavuganye na Kurt kandi ikibazo tuzogitorera umuti hagati yacu, ariko twashaka kumenyesha ko tudashobora kwihanganira na gato ubugome bukorerwa inyamaswa".
Umuvugizi w'ishirahamwe riharanira agateka k'ibikoko, Royal Society for the Prevention of Cruelty to Animals, RSPCA, avuga ati: "Iyi reresi irababaje cane. Gutera imigere, gukubita inkoni canke amakofe inyamaswa, haba mu kuyihana canke ku yindi mvo iyo ari yo yose, ni ibintu bidashobora kwihanganirwa.
"Turashimira cane abantu batabariza ibikoko vyiketswe ko biriko birakorerwa amarorerwa kandi twashaka kwemerera abanyagihugu ko tuzokwama tubikurikirana, bibaye ngombwa dukore n'amahotoza ku birego batuzaniye ku bijanye n'imibereho y'inyamaswa".
Nta matohoza igipolisi kizokora kuri ibi vyakozwe na Zouma.












