Arabie Séoudite: Abakobwa barekuriwe kuja kuraba umupira

Abarorerezi b'abakobwa bari ku kibuga King Abdullah Sports i Jeddah mu rukino rwo kuwa gatanu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarorerezi b'abakobwa bari ku kibuga King Abdullah Sports i Jeddah mu rukino rwo kuwa gatanu

Kuva mu ndwi iheze, ubutegetsi bwa Arabie Séoudite bwararekuriye abakobwa kuja ku kibuga kuraba umupira, uno munsi bukaba buzoba bubaye ubwa kabiri abo bigeme baja kurorera urukino co kimwe n'abagabo.

Ntivyari birekuwe ku bakobwa n'abagore bo muri Arabie Séoudite ngo baje ku kibuga kurabana inkino n'abagabo, ariko uno munsi bukaba buzoba bubaye ubwa kabiri inyuma yo ku wa gatanu, barabana inkino n'abagabo mu kugerageza kubatezurira ku vy'amategeko akaze ya Islamu muri ico gihugu.

Abagore baravye urukino rwa mbere ku munsi wa gatanu i Jeddah, baciye mu marembo yategekanirijwe imiryango.

Mu gihe basanzwe bakumiriwe cane, kubona barashitse ku kibuga ku munsi wa gatanu, ni intambwe ikomeye mu mateka y'ingoma y'icami.

Ino ntambwe ikurikiye ayandi mahinduka amaze iminsi akogwa, mu kugerageza gushira igihugu ku rugero rw'ibindi bihugu.

Imbere y'urukino rwo ku munsi wa gatanu, hari ikindi cakozwe muri ukwo kurondera guhindura ingendo, ikigo kigurisha imiduga kikaba carerekanye bwa mbere imodoka igenewe abagore.

Mu kwezi kw'icenda niho itegeko ribuza abagore kugendesha imiduga ryakugwa.