Jose Mourinho: Roma yirukanye uwahoze amenyereza Manchester United na Chelsea ica igena De Rossi

Mourinho yari yagiye kumenyereza Roma avuye muri Tottenham

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mourinho yari yagiye kumenyereza Roma avuye muri Tottenham

Jose Mourinho yirukanywe mu mabanga yo kumenyereza umugwi wa Roma aca asubirizwa uwahoze ari kizigenza w'uwo mugwi Daniele de Rossi.

Mourinho w'imyaka 60 yatanguye kumenyereza uwo mugwi mu 2021 awufasha gutwara igikombe ca Europa Conference League inyuma y'umwaka umwe ageze muri uwo mugwi, yongera anawushikana mu rukino rwa nyuma rwa Europa League mu 2023.

Ariko ubu bari mu kibanza c'icenda mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano (Serie A), amanota atanu inyuma y'ikibanza c'abokwitabira inkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League), mu ndwi iheze na ho, baratsinzwe mu nkino za Coppa Italia na mukeba wabo Lazio.

Uwahoze ari umukinyi wo hagati w'uwo mugwi, De Rossi ni we agiye gusubirira Mourinho gushika mu mpera z'uyu mwaka w'inkino.

Uwo mukinyi rurangiranwa wa Roma w'imyaka 40, yigiye umupira mw'ishure ry'uwo mugwi, awukinira incuro 616 ari mu bakinyi batangura mu kibuga hagati ya 2001 na 2019.

De Rossi yahevye gukina mu 2020 aca aba umumenyereza.

Daniele de Rossi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Daniele de Rossi

Ba nyene umugwi wa Roma, Dan na Ryan Friedkin bagira bati:"Twemera ko igihagararo ciwe n'ishaka vyamye bimuranga bishobora gufasha mu gushika ku ntego uwo mugwi wipfuza gushikako, gushika mu mpera z'umwaka.

"Turazi ubucuti buri hagati ya Daniele n'umugwi, ariko kandi uburyo yaciye yemera ayo mabanga adahigimanze na vyo vyatwemeje ubushobozi afise bwo kuba indongozi ku bakinyi, n'umuserukizi w'akaranga k'uyu mugwi."

De Rossi yakiniye Ubutaliyano incuro 117 akanatsindira igikombe c'isi co mu 2006, avuga ati:"Umunezero mfise wo kwicara ku ntebe y'umumenyereza ni ntagereranywa. Bose barazi ico Roma isigura kuri jewe, ariko igikorwa kiturindiriye twese kiri hejuru ya vyose.

"Nta mwanya dufise, nta yandi mahitamwo. Guhiganwa, kugwanira gushika ku ntego yacu no kugerageza kuzishikako ni vyo vyonyene biza imbere, jewe n'abamfasha twiyemeje."

Igenwa rya De Rossi ryabaye inyuma y'amasaha ane gusa Mourinho yirukanywe, aho abo bavukanyi babiri ba nyene umugwi bashimiye uwo munye Portugal "ku rukundo no kwitanga yerekanye" nk'umumenyereza.