Sentare yategetse ko umumenyeshamakuru Sandra Muhoza aguma mw'ibohero

Ahavuye isanamu, La Nova Burundi
Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi yafashe ingingo yo kugumiza umumenyeshamakuru Sadra Muhoza mu munyororo.
Ni mu gihe abamuburanira bari basavye, mu ntahe yo ku wa 19 Munyonyo (11), ko yorekurwa vy'agateganyo akaburana yidegemvya kubera "amagara amukitse".
Sandra yagirizwa ivyaha birimwo "kuvogera ubwigenge bw'igihugu" no "kubiba amacakubiri". Ivyaha uruhande rwiwe ruhakana.
Ingingo yo kugumiza mw'ibohero uyu mumenyeshamakuru yemezwa n'umwe mu bamwunganira Eric Ntibandetse.
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati:"Birababaje cane.
"Twari twerekanye ko apfunzwe mu buryo budakurikije amategeko. Kandi burya nta kintu na kimwe gisumba amategeko".
Ntibandetse avuga ko bagiye kubandaniriza ku zindi ntambwe barekuriwe n'amategeko.
"Ingingo ya sentare ntiduca intege. Tugiye kwungururiza muri sentare nkuru, tuje mw'ido n'ido.
"Kandi tuzobandanya twerekana ko amategeko ariko arahonyangwa".
Prezida Ndayishimiye avuga iki kw'ipfungwa rya Sandra?
Ipfungwa ry'abamenyeshamakuru Sandra Muhoza hamwe na Kenny Claude ryagarutsweko kuri uwu wa mbere, mu kiyago umukuru w'igihugu yagiranye n'abaserukira ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi.
Umumenyeshamakuru yasavye ko botezurirwa.
Mu kwishura, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko ata kinini azi kw'ipfungwa rya Sandra Muhoza.
Yagize ati:"Uwo [Sandra] nta dosiye yiwe nari bwumve bavuga…sinzi icoba carabaye"
Ndayishimiye abandanya ati:"Kenny Claude ni we numvise bavuga".
Umukuru w'igihugu yavuze ko mu manza nk'izo ari ukubanza gusuzuma neza amadosiye, hakihwezwa nimba koko bazira umwuga wo kumenyesha amakuru.
"Erega harya hari n'umuntu afatwa agasanga afise urundi rudosiye rukomeye kuruta n'urwatumye afatwa", ni ko yashimangiye, ariko ntatomora uwo muntu uwo ari we n'urwo rudosiye urwo ari rwo.
Sandra Muhoza yahagaritswe kw'igenekerezo rya 13 Ndamukiza(4) 2024, biturutse ku majambo yishuranye na bamwe mu bamenyeshamakuru ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp.
Yagirizwa "kuvogera ubwigenge bw'igihugu" no "kubiba amacakubiri".
Ivyo vyatumye acirwa igihano co gupfungwa amezi 21 na sentare nkuru mu gisagara ca Bujumbura.






