Video: Amando umukinyi nserukiragihugu w'Uburundi w'abagendana ubumuga mu mupira w'amaguru
Video: Amando umukinyi nserukiragihugu w'Uburundi w'abagendana ubumuga mu mupira w'amaguru
Muhimbare Amando, umusore w'imyaka 23, akina mu mugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru mu Burundi kuva mu 2023.
Uyo musore aturuka mu ntara ya Karusi bamuciye ukuguru afise imyaka 12.
Ubu, uretse gukina umupira, ariko ariga umwuga wo gushona.
Ivyo vyose avuga ko ariko arabishikako abifashijwemwo na Fondation Ngoga Patrick, ifasha abagendana ubumuga.