'Vyari biteye ubwoba' - ntivyoroshe kwikura mu minwe y'abitwaje ibigwanisho banyuruza abantu muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Kalkidan Yibeltal
- Igikorwa, BBC News, Addis Ababa
Mushiki wa Bekele ni umwe mu banyeshure bo kuri Kaminuza ya Derbak yo muri Ethiopia bamaze indwi irenga ubu batazwi irengero ryabo – yuriye imodoka imutahana muhira umwaka w’ishure urangiye, ariko ntiyigeze ashika.
Nta n’umwe mu muryango wiwe yashoboye kuvugana na we. Terefone ya Bekele yarahamagaye, ayitoye imwereka ko ari mushikiwe yari ahamagaye. Amazina y’abantu bavuganye na BBC muri ino nkuru yarahinduwe ku mvo z’umutekano wabo.
Yakiriwe n’ijwi atari aherutse kwumva, ariko ubwo nyene aca yumva ijwi ry’umugabo, rimubwira ko niba yifuza gusubira kubona mushikiwe, ategerezwa gutanga 700.000 vy' ama-birr (amafaranga ya Ethiopia, ni ukuvuga amadorari 12.000 y’Abanyamerika, hafi 35.000.000 mu mafaranga y'amarundi ku rugero rwo muri banki).
Abantu baharurwa mu mirongo bariko biyunguruza n’amabisi (bus), benshi muri bo bakaba bari abanyeshure, ku wa gatatu w'indwi iheze baranyurujwe n’abagabo bitwaje inkoho .
Hari bamwe bashoboye gutoroka – batatu muri bo bakaba babwiye BBC ko abantu barenga 100 bakiri mu minwe y’aba bagabo.
Aba banyuruje abantu bamaze guterefone Bekele incuro zitatu, bamusaba gutanga ingwati y’ibihumbi 700 vy’ama-birr.
Bekele afise ubwoba ko mushikiwe ashobora kuba atakiriho – avuga ko nk’umwirimizi akorera amafaranga ku munsi ku munsi adashobora kuronka ama-birr 700.000 asabwa n’abanyuruje mushikiwe.
Beleke si we wenyene – muri ino myaka ya vuba, Ethiopia ihanganye n’ukwiyongera kw’abanyuruza abantu, bagaca basaba ingwati.
Oromia, intara nini gusumba izindi zose muri Ethiopia ikikuje umugwa mukuru Addis Abeba, ni yo ibangamiwe kurusha izindi.
Abajejwe umutekano ntiborohewe mu twigoro two kurangiza indyane zitari nke muri iki gihugu kigira kabiri mu bwinshi bw’abantu ku mugabane wa Afrika, zatumye haba ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi.
Abantu banyurujwe ku wa gatatu w’indwi iheze bari mu mabisi atatu, batera baja i Addis Abeba bavuye kuri kaminuza ya Derbak iri mu misozi ya Simien, akarere kazwi cane ko gakunze kugenderwa na ba mukerarugendo.
Izi modoka zigeze hafi y’ahitwa Garba Guracha, igisagara gito co muri Oromia, zarahagaze giturumbuka.
Mehret, umwe mu banyeshure yari muri imwe muzi izi modoka, yabwiye BBC ati: “Haravuze amasasu. Narumva ijwi riguma ridutegeka kwiruka. Sinzi n'ivyo twaciye tugira”.
Petros, umunyeshure wo mu gisata c’amategeko, na we ati: “Badutegetse kwururuka, baca batangura kudukubita [n’inkoni] baca baduhatira kwiruka tuja mw'ishambi ryari hafi. Vyari biteye ubwoba”.
Aba bagabo bitwaje inkoho bagiye batwaye abo banyuruje mu karere ka kure mu misozi aho umuhari w’inyeshamba Oromo Liberation Army (OLA) uzwi ko usanzwe ari yo ukorera.
OLA ivuga ko iriko irwanira “ubwigenge” bw’abanyagihugu bo mu bwoko bwa Oromo, ari na bwo bwa mbere bunini muri Ethiopia, ariko reta y’iki gihugu ifata uno muhari nk’uw’iterabwoba.
Mehret na Petros bavuga ko OLA ari yo yanyuruje aba bantu, ariko uno muhari w’inyeshamba ntaco urabivugako.
Imbere y’aha, umuvugizi wa OLA Odaa Tarbii yabwiye ikinyamakuru ko batanyuruza abantu kugira ngo barondere amafaranga yo kurwana, akavuga ko intege nke za reta zatumye ubugizi bwa nabi bwiyongera.
Bamaze gushika ku birometero vyababa bibiri, Mehret, Petros na bamwe mu bandi banyurujwe barashoboye gutoroka.
Aba bantu bitwaje inkoho ntivyaboroheye kugenzura umurwi munini w’aba banyurujwe “rero bamwe barashoboye kwinyegeza mw’ishamba bararindira bararengana”, nk’uko Petros abivuga.
Umunyeshure umwe w'umukobwa akiri mu minwe y’aba bagabo bitwaje inkoho, yarashoboye kwinyegeza araterefone ab’i muhira. Yababwiye ko yiboneye ababanyuruje bariko barica bamwe muri aba banyeshure.
Umuntu wo mu muryango wiwe yabwiye BBC ati: “Yaramaze kwihebura. Ntiyibaza ko yonarekurwa n’aho hotangwa ingwati”.
Iri nyuruza ry’ikivunga rirasa n’ibindi bikorwa vyo kunyuruza abantu. Haraheze umwaka urenga ingenzi zirenga 50 zariko ziva mu ntara ya Amhara zitera zija i Addis Abeba zinyurujwe.
Umutegetsi w’akarere avuga ko abashoboye gutanga ingwati barekuwe, ariko ntaco yavuze kuri abo bitashobokeye.
Mu kindi gitero co kunyuruza abantu gikomeye, abanyeshure 18 ba kaminuza muri Oromia bavugwa ko banyurujwe n’abitwaje ibirwanisho mu mpera za 2019. Gushika uyu munsi, ntibaraboneka.
Reta iranegurwa bikomeye kunanirwa kubabohoza no gutora ababikoze.
Amezi make inyuma y’aho aba banyeshure baburiwe irengero, umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yabwiye abashingamateka ko abanyuruza abantu ari “abantu batazwi” kandi ko ata cemezo na kimwe cerekana ko aba banyeshure bashobora kuba “barakorewe ikintu kibi”.
Nubwo Oromia ari ikiririmbiro ry’abanyuruza abantu, ababikora barakorera kandi no mu tundi duce, nko mu ntara ya Tigray yasinzikajwe n’intambara, hamwe no muri Amhara.
Mu kwezi kwa gatatu kw’uno mwaka, aba banyuruza abantu muri Tigray barafashe umunyeshure w’umukobwa w'imyaka 16 baca bategeka abavyeyi biwe kuriha ingwati y’imiriyoni zitatu z’ama-birr.
Uno muryango warituye igipolisi ukimenyesha ivy’iri nyuruzwa ariko mu kwa gatandatu uno mukobwa yahavuye atorwa yapfuye, ivyateye umujinya igihugu cose.
Amajana n’amajana y’abanyuruzwa muri Ethiopia bakorerwa amahano atavugwa, harimwo ukuborezwa igufa, nk’uko bivugwa n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu.
Reta ntaco iravuga kuri iri nyuruzwa ryo ku wa gatatu w’indwi iheze, BBC yarasavye abategetsi ico bobivugako ariko gushika ubu ntaco barishura.
Bamwe mu ncuti z’abanyurujwe bagiriza abategetsi ko batitayeho iki kibazo uko bikwiye.
Dalke, umurimyi yanyazwe umukobwa agira ati: “Ntibitahuritse ukungene abategetsi bafata minenerwe iki kibazo mu gihe twatakaje abana bacu”.
Uwundi mugabo na we nyene avuga ko ico bashaka ari uko ababo bogaruka.
Ati: “Nta mahera dufise yo guha [ababanyuruje]. Naritanze cane ndungika abana bacu kw’ishure…ubu ico dukora ni ukurira no gusenga”.










