Trump yemeje itegeko ribuza abishira mu bagore bavutse ari abagabo gukina inkino z'abagore

Igihe yatera igikumu kuri iri tegeko, yatangaje ati: "intambara ku nkino z'abagore irarangiye"
Insiguro y'isanamu, Igihe yatera igikumu kuri iri tegeko, yatangaje ati: "intambara ku nkino z'abagore irarangiye"
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News, White House

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yateye igikumu kw'itegeko bwirizwa ribuza abishira mu bagore kandi bavutse ari abagabo guhiganwa ku ruhande rw'abagore mu nkino.

Iri tegeko ritanga intumbero, amabwirizwa n'insobanuro z'amategeko, kandi rizosaba ubushikiranganji bw'indero mu mashure gukora amatohoza mu mashure yisumbuye azofatwa ko yagararije iri tegeko.

Abarepubulikani bavuga ko iri tegeko ritunganiriza bose mu bijanye n'inkino ariko amashirahamwe aharanira uburenganzira bw'abari mu murwi w'abahuza ibitsina n'abo babisangiye, bazwi nka LGBT, hamwe n'ayaharanira agateka ka zina muntu avuga ko iyi ngingo ikumira.

Iri tegeko bwirizwa - rikaba ritegerezwa kuja mu ngiro ubwo nyene - riraba ahanini amashure yisumbuye, amakaminuza hamwe n'ibigo vy'inkino vyo ku rwego rwo hasi.

Ibigo bitari bike bijejwe inkino, harimwo izo kwoga, ngororamubiri na golf, vyarakumiriye abishira mu bagore kandi bavutse ari abagabo guhiganwa mu bagore ku rwego rwo hejuru iyo bagaragaje ibimenyetso vy'ubuyabaga bw'abahungu.

Nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Amerika, mu kiganiro bahaye abanyamakuru ejo ku wa gatatu, iri tegeko bwirizwa riha ububasha ubushikiranganji bw'indero gutohoza ingene amashure ashira mu ngiro itegeko rizwi nka Title IX, itegeko rya Amerika ribuza ivangura rishingiye ku gitsina mu mashure ya reta.

Umutegetsi avuga ko iri tegeko bwirizwa rizohindura ingingo yo ku ntwaro ya Biden yo mu kwa kane kw'umwaka uheze yavuga ko abanyeshure b'aba-LGBT bari gukingirwa n'amategeko y'igihugu, nubwo ata ntumbero yihariye yatanze ku bijanye n'abanonotsi bahinduye igitsina.

Trump asigura ati: "Muretse abagabo bakizizira imirwi y'inkino y'abagore canke bagatera ivyumba vy'ukwihinduriramwo [vestiaires/locker rooms], muzokorwako amatohoza ajanye no guhonyanga ingingo za Title IX, kandi mushobora no gufatirwa ingingo ku mahera muhabwa na reta".

Vyongeye, Maison Blanche irategura gutumira amashirahamwe y'inkino - nk'ishirahamwe ry'igihugu ry'inkino ngororamubiri, NCAA - kugira ngo baze muri mu biro vy'umukuru w'igihugu babonane n'abakinyi b'abagore/b'abakobwa hamwe n'abavyeyi babo kugira ngo baganire ku bibazo bihari.

Itegeko riraba n'inkino za Olempike za 2028

Umunya-Canada Danielle McGahey ni we yabaye umukinyi wa mbere y'uwishira mu bagore yavutse ari umugabo mu rukino rwa cricket yitavye inkino mpuzamakungu

Ahavuye isanamu, Michael Chisholm/BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Umunya-Canada Danielle McGahey ni we yabaye umukinyi wa mbere y'uwishira mu bagore yavutse ari umugabo mu rukino rwa cricket yitavye inkino mpuzamakungu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga kuri iri tegeko, uno mutegetsi avuga ko Amerika izokora ibishoboka vyose kugira ngo ibuze abanonotsi bibona ku ruhande rutandukanye n'igitsina mvukanwa guhiganwa n'abagore/abakobwa mu nkino mpuzamakungu za Olempike zizobera ku butaka bwa Amerika.

Perezida Trump avuga ko iri tegeko bwirizwa rizoba ryerekeye n'inkino za Olempike zo mu 2028 i Los Angeles.

Avuga ko azokwima viza (impusha zo kwinjira mu gihugu) abanonotsi ba Olempike bibona ku ruhande rutandukanye n'igitsina mvukanwa bazorondera kwinjira muri Amerika guhiganwa muri izo nkino za Los Angeles.

Imbere yo gutera igikumu kuri iri tegeko bwirizwa, Trump yatangaje ngo "intambara ku nkino z'abagore irarangiye", yongera avuga ngo "ubutegetsi bwanje ntibuzorera amaboko ngo bureke abagabo batsinde bongere bakubagure abanonotsi b'abagore", muri izo nkino za Los Angeles.

Avuga ko azotegeka umushikiranganji w'umutekano wo hagati mu gihugu "kwima viza abo bagabo bose bazogerageza kwinjira muri Amerika muri magendo biyise abanonotsi b'abagore …".

Ishirahamwe mpuzamakungu rya Olempike ntaco rirashobora kuvuga kuri iri tegeko.

Abategetsi ba Maison Blanche bavuga ko aya mategeko ariko aramamara cane muri Amerika, kandi ko ari kirumara mu "gutunganiriza" abagore mu nkino, co kimwe n'umutekano wabo.

Mw'itangazo, umukuru w'ishirahamwe Human Rights Campaign Kelley Robinson avuga ko iri tegeko "rije guhohotera no gukumira abakiri bato, mu guha impigi abazorondera kurwanya ingene abana bambara canke bifata mu buryo butandukanye n'uko abantu bibaza".

Umupfasoni Robinson ati: "Ku banyeshure benshi, inkino zijanye no kurondera uruhande umuntu yegamira. Si poritike z'amarangamutima zishira mu kaga ubuzima bwabo".

Igice 1% c'abana bari musi y'imyaka 13 muri Amerika ni abiyumva mu gitsina gitandukanye n'ico bavukanye, nk'uko biri mu cigwa cakozwe n'ikigo UCLA Williams Institute, kandi igitigiri c'abakina inkino ni gito cane.

Acinjira gusa ku butegetsi ku wa 20 Nzero (1), yashitse atera igikumu kw'itegeko rya reta ryemeza ku mugaragaro ko muri Amerika hari ibitsina bibiri gusa, igitsina gabo n'igitsina gore.