Jayland Walker: igipolisi cashize ahabona videwo y’ingene cishe uyu mwirabure

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cashize ahabona videwo y’ingene ciruka ku muntu i Akron, Ohio, ivyagiye kurangira umugabo w’umwirabure arashwe amasasu arenga 60 n’abapolisi bariko baramuhiga.
Igipolisi cemeza ko Jayland Walker w’imyaka 25 ari we yatanguye kurasa, bituma abapolisi bibaza ko batewe igihe bamuhagarika mw’ijoro ryo ku wa 27 ruheshi.
Walker nta nkoho yari afise igihe yava mu modoka yiruka, ariko igipolisi kivuga ko casanze inkoho ntoya (pistolet) mu modoka.
Igihe hari hatanguye imyiyerekano, umukuru w’igisagara ca Akron yasavye ababa muri ako karere kwihangana.
Iyo videwo imaze gusohoka ejo ku wa Mungu, Daniel Horrigan yavuze ati: "Iyi videwo ni incamugongo, iragoye kwihanganira”.
Umushikirizamanza mukuru muri iyo ntara Dave Yost yemereye abanyagihugu ko Ibiro vya Ohio bijejwe gukurikirana ivyaha bizokora “amatohoza ataho yegamiye kandi yimbitse” mu gihe igipolisi ca Akron kiriko kirakora amatohoza ku ruhande rwaco, kugira kirabe nimba abapolisi barahonyanze amabwirizwa ngenderwako.
Abapolisi umunani bamurashe, indwi muri bo bakaba ari abazungu umwe aka ari we ari umwirabure, bategetswe kuja mu karuhuko ariko bakazohembwa umushahara wabo.
Umushingwamanza umwe w’umuryango wa Walker avuga ko aba bapolisi babandanije barasa n’igiye yari aryamye hasi.
Derrick Johnson, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abatari abazungu (National Association for the Advancement of Colored People), avuga ko urupfu rwa Walker ari Ubwicanyi. Imbonankubone”.

Ahavuye isanamu, Reuters
Imodoka ya Jayland Walker yahagaritswe ku wa mbere igenekerezo rya 27 Ruheshi (6) isaha 00:30 mu bikorwa bisanzwe vyo kugenzura uruja n’uruza rw’amamodoka.
Umukuru w’igipolisi ca Akron, Steve Mylett, asubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Associated Press, aho avuga ko humvikanye urusasu mu modoka kandi ko kamera igenzura uruja n’uruza yafashe amashusho.
Kamera zambarwa n’abapolisi zerekana umuntu ava mu modoka yiruka atera aja ku gituro c’amamodoka, asiganwa n’abapolisi mu kiringo c’imisegonda cumi imbere y’uko bamurasa.
Igipolisi kivuga ko umwe mu bapolisi yagerageje gukoresha ya nkoho yo gukongataza, ariko biba ivy’ubusa.
Hampande y’iyi nkoho ntoya yatowe ifise igikono cuzuye amasasu ku ntebe imwe muri iyo modoka, ikirombora c’urusasu rw’iyi nkoho rwaratowe hafi, nk’uko igipolisi kibivuga.
Iyo reresi imaze gusohoka, abanu baciye biha amabarabara mu myiyerekano ituje muri Akron baca bakoranira imbere y’ibiro vy’ubucamanza vy’ico gisagara.
Umushingwamanza w’umuryango wa Bobby DiCello avuga ko abapolisi barashe Walker n’igihe yari aryamye kandi ko bamuboshe n’amapingu imbere ‘yuko bamuha ubufasha bwa mbere.
Mw’itangazo bahaye ikinyamakuru BCS News, umuryango wa Walker uvuga uti: “Ishavu ni ryiza. Ishavu riratahuritse. Imigumuko si uko. Reka dushigikire iteka ry’ubuzima bwa Jayland mu gihe tubandanya dusaba mu mahoro ko ubutungane bwokora”.










