Utumaro dutanu dukomeye tw'amazi yo kunywa ku magara yacu

Water

Ahavuye isanamu, Getty Images

Twese turazi ko amazi ari ngombwa mu mubiri wacu, ariko wibaza ko ari ukubera iki?

Twegereye umuhinga mu vyo imfungurwa Nicola Shubrook aradusigurira utumaro dutanu dukomeye two kunywa amazi akwiye.

Amazi n'iki?

Amazi n'ikinyobwa kitagira irangi kigizwe na "Hydrogene na Oxygene" (H2O).

Arakenewe cane mu mubiri n'aho atagira amakaroli.

Kunywa amazi akwiye , canke kuba umubiri wawe ufise amazi, ni co kintu ca mbere ngombwa ku magara.

Imibiri yacu irashobora kumara indwi yose tudafunguye, ariko ushobora kumara umusi umwe gusa utanyoye amazi.

Ibi bisigura ko kuba tuzi ko umubiri wacu ugizwe n'ibice 60% vy'amazi kandi ukugabanuka kw'amazi mu mubiri gushobora gutera ikibazo ku mubiri no ku bwonko.

Akamaro k'amazi

Ibintu ngirakamaro biri mu kirahuri cawe c'amazi biba bivana n'aho wayavomye.

Amazi ahinguwe n'amazi yo ku mugezi, ava cane cane mu matangi no mu mbizi mu kuzimu, ashobora gutanga izindi ngaburo nka Calcium na Magnesium.

None n'utuhe tumaro dutanu dukomeye tw'amazi yo kunywa ku magara yacu?

Water

Ahavuye isanamu, Getty Images

1. Atuma utagira ugwibagiza

Ubushakashatsi bwerekanye ko amazi agabanutse mu mubiri gato, bishobora kugira ingaruka ku kwibuka no ku kuntu umuntu amererwa kuva ku mwana gushika ku mutama.

Igabanuka ry'amazi riragira ingaruka ku bwonko co kimwe no ku mubiri, ubushakashatsi bukaba bwerekana ko igabanuka ry'amazi mu mubiri rishobora gutuma umuntu yamana umutima uhagaze.

Ukubura amazi mu mubiri kandi bishobora gutuma umeneka umutwe canke kuzungurirwa ku bantu bamwe bamwe.

2. Ashobora gutuma utavyibuha cane

Ubwonko ntibuba bugishobora gutandukanya inzara n'inyota, gutyo kenshi ntidutandukanye inyota "n'akayabagu k'isukari."

Igihe cose wumvise ko wipfuza kurya ikintu kiryoshe, gerageza gufata igikombe c'amazi.

Kunywa amazi bishobora kandi gufasha kugabanya ubuvyibuhe.

Ubushakashatsi bwerekanye ko kunywa amazi imbere yo gufungura bishobora gutuma uhaga gutyo ugatakaza ibiro kuko uca utakaza akayabagu.

Ivyo biri mu cegeranyo c'icigwa cakozwe mu 2015.

Ivyavuye muri ico cirwa vyerekanye ko bishobora gutuma utakaza ibiro cane.

3. Amazi ni meza ku munonotsi

Ubushakashatsi bwinshi bwakozwe ku ngaruka z'abanonotsi badafise amazi akwiye mu mubiri, ivyavuyemwo vyerekanye ko kubura amazi mu mubiri bidatuma gusa umunonotsi atavyifatamwo neza, ariko kandi bimugirako ingaruka mu mutwe (Psychologiquement).

4. Amazi atuma utagumirwa (constipation)

Amazi arafasha mu nzira icamwo ibifungurwa, bisigura ko kugira amazi mu mubiri bishobora gufasha kwirinda kugumirwa ku bana, abakuze eka mbere no ku bantu bashaje.

Amazi afise akamaro kanini cane mu nda.

5. Arafise akamaro mu nzira y'umukoyo

Kubura amazi mu mubiri bishobora gutuma umuntu agira ingorane y'amafyigo ku bantu bamwe bamwe.

Ivyigwa vyerekana ko kunywa amazi akwiye bishobora kugwanya ingwara zo mu gasaho k'umukoyo hamwe n'inzira umukoyo ucamwo.

Water

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umuntu yonywa amazi angana gute?

NHS (Ikigo kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza) ivuga ko umuntu akuze anywa amazi ari hagati y'ibikombe 6-8 buri musi.

Ushobora kandi kunywa amata atarimwo amavuta menshi n'ibindi binyobwa bitarimwo isukari, icayi n'ikawa.

Ibi bishobora gutandukana bivuye ku myaka yawe, igitsina n'akazi usanzwe ukora.

Nk'akarorero, ushobora kwipfuza amazi menshi mu gihe wakoze imyimenyerezo ngororamubiri canke mu gihe hashushe cane.