Umubabaro w’imiyabaga ibiri yatoye imwe muri za diyama nini cane kw’isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yari yo nkuru nziza yo mu 2017. Ibinyamakuru bikuru bikuru kw’isi vyatangaje ko hatowe "idiyama y’amahoro" yo muri Sierra Leone.
Mu gihugu ca Afrika aho ubutare bwa diyama (diamand/diamond) bwitiranywa n’iseseka ry’amaraso be n’amagorwa, ubu butare bwari kuba bwakoreshejwe mu guteza imbere ubuzima bw’abanyagihugu baho.
Ariko inyuma yo kuvugwa cane mu binyamakuru hari abacukuzi batavugwa, aba bantu ni abakora akazi karuhisha cane katumye hatorwa iri buye ry’agaciro.
Komba Johnbull na Andrew Saffea ni bo bari bato mu murwi w’abantu batanu, be bari imiyabaga.
Igihe babona iki kibuye gica ibibatsi, bari bizeye ko indoto zabo zose zari zishitse, ariko inyuma y’imyaka itandatu, iri buye ry’agatangaza babona ko ataco ryabamariye.
Imigambi bari bafise mu buzima

Saffea yari umunyeshure w’incabwenge, ariko vyabaye ngombwa ko aheba kwiga kubera ubukene, nayo umuryango wa Johnbull ukaba wari warashegeshwe n’intambara yo muri ico gihugu ya 1991-2002.
Bompi bahambije umurwi w’abantu batanu bimba ubutare bafashijwe n’umupasitori waho.
Ntibahembwa, ariko baronswa ivya nkenerwa n’imfungurwa vyabatunga bigatunga n’imiryango yabo.
Iyo batoye idiyama, uwabakoresha ni we yatwara igice kinini.
Bari bumvikanye ku masaha y’akazi kari kagoye: kuvyuka mu gaturuturu bakaja gukora mu mirima y’ibigazi imbere yo gufata icayi mu gitondo, hanyuma bagaca baja mu kirombe kwimba ubutare umusi wose.
Bari bizeye kuziganya amahera kugira bazosubire kw’ishure, ariko ibintu vyahavuye bibagendera ukundi.
Saffea ati : "Nabwiye Johnbull ko indoto zanje zari zapfuye".
Johnbull aribuka ingene batatinya imvura y’isegenya n’ubushuhe burenze urugero bwo mu ci.
"Twaraterana intege, twaratera inkuru, twari dufise igikoresho ca Bluetooth tukavuza n’umuziki".
Hampande y’ibi, baguma biyumvira ico bari gukora baramutse batunze giturumbuka.
Johnbull yashaka inzu igeretswe kabiri hamwe n’imodoka ya Toyota FJ Cruiser, mu gihe Saffea wewe yashaka kurangiza amashure yiwe.
Diyama nini cane

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusi wahavuye ubaha amahirwe watanguye nk’iyindi yose, gufata icayi co mu gatondo kigizwe n’agatoke bagaca basenga, bakabona kuja mu kirombe.
Abacukuzi bakoresha umwanya muto barondera diyama.
Kuri uwo wa gatanu itariki 13 z’ukwa gatatu 2017, integuro yabo yari iyo gutegura aho bari gucukura : gutangura kwimba, gukuramwo urucekeri hanyuma bakarwana n’imyuzure kuva imvura itasuye.
Niho Johnbull yabona ikintu gisayangana.
"Nabonye ikibuye mu mazi. Nategerezwa gutangara uko nyene kuko sinari bwigere mbona diyama imbere y’aho.
"Narihweje iki kibuye mu kiringo c’umunota urenga. Niho nabwira data wacu nti : ‘hewe iki kibuye gisayangana ni nyabaki?'"
Johnbull yarinanase agikura mu mazi.
"Hari hakanye cane. Maze kugikura mu mazi, barakinyatse bavuga : 'iyi ni idiyama!' ".
Capima 709 carats, kikaba caciye kiba ica 14 kiremereye kw’isi yose.
Abacukuzi baciye bamenyesha umuhagarikizi wabo, Pasitori Emmanuel Momoh, yabaye rurangiranwa mu gushikiriza reta iki kibuye, aho kukigurisha kuri magendo.
Cagurishijwe icamunara ku miriyoni 6.5 z’amadorari

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abanya- Sierra Léone baharurwa mu bihumbi amajana bakora nk’abacukuzi mu birombe bitazwi nk’ivyo Johnbull na Saffea bakoramwo.
Baronse amahirwe, bashobora kuronka utudiyama dutoya, ariko ni indoto kuronka idiyama yose nk’iyi ituma abantu benshi badaheba iki gikorwa kigumye.
Bumvikanye ko buri mucukuzi yari kuronka igice ciwe hanyuma ikindi kigashirwa mu kigega ca reta kugira ngo irangure imigambi y’iterambere mu karere.
Abacukuzi batahiye ibihumbi 80 vy’amadoriari umwe umwe bahawe mu ntango.
Yari amafaranga yasumba ayo Saffea na Johnbull bari biteze kuronka mu masezerano yabo y’ubwa mbere, ariko bababajwe no kuronswa udufaranga duke nk’utwo.
Johnbull ati : "Maze kuronka igice canje, narayabitse indwi yose ntakorako n’ugukorako. Mu nyuma niho naja i Freetown kugura inzu".
Saffea yashaka kuja muri Canada kubandanya amashure yiwe kandi na Johnbull yashaka kumuherekeza.
Bahaye uwari kubibafashamwo amadorari 15.000 arimwo itike, ayo kubabeshaho n’ayo kuriha kw’ishure.
Batwawe muri Ghana aho bamaze amezi atandatu bakoresha igice kinini c’amahera yabo.
Bimwe visa
Johnbull yasubiye muri Sierra Leone amaze gutakaza igice kinini c’amahera yiwe, nayo Saffea akaba yaciye ategura urundi rugendo.
Yagiye mu kindi gihugu tudashatse kuvuga izina ku bw’umutekano wiwe, aho yari yabwiwe ko yari gukora nk’umushoferi ku murango hanyuma mw’ijoro naho akiga.
Ariko Saffea amaze gushikayo, ibintu vyabaye ibindi.
"Njejwe amafarasi mw’iraro, ari naho ndyama ngafungura. Abandi bakozi barahawe uburiro, ariko jewe ndara mw’iraro ry’amafarasi".
Ubu si bwo buzima bw’umuntu yatungishijwe na diyama hanyuma, ataho afise aba, akisanga mu buzima bubi.
Uretse inzu yaguze muri Sierra Leone, yarabuze amahera muri diyama.
Ubu avuga ko yipfuza gutaha.
Nta n’uko bacibukwa

Ikibabaje gusumba kuri Saffea na Johnbull, ni ukubona ata n’uko bigera bibukwa kuri iki kintu cabo batoye.
Amakuru yazungurutse mu binyamakuru ku bijanye na diyama yibanze kuri uno mupasitori yabafashije.
Abacukuzi nyabo ni gake bavugwamwo. Saffea yumva ko yashizwe ku ruhande kandi yakumiriwe.
Johnbull, ku ruhande rwiwe, yabona ko yari gutuma ayakoresha mu bundi buryo.
"Igihe ndonka amafaranga, nari nkiri muto cane.
"Ico gihe, icari kindaje ishinga kwari ukwiyerekana, kugura impuzu n’ibindi nk’ivyo. Urazi ingene bimeze ku bakiri bato.
"Nsubije amaso inyuma, ndababara.
"Iyo ntiyumvira kuja mu mahanga nizeye ko ngiye kuronkayo ayandi mafaranga, nari kuba nakoze vyinshi mu mafaranga nasesaguye".
Kumbure ibintu ntibimeze uko bavyipfuza, ariko Johnbull ubu abeshejweho no gukora ibizingiti vy’amadirisha y’ivyuma i Freetown, kandi Saffea ategekanya kuzomusangayo mu gihe ivyo yipfuza mu mahanga bitokunda.
Johnbull ati: "Igihe navuka, abavyeyi banje ntibari bafise aho baba".
"Abana banje bariko bakurira mu nzu ya se i Freetown. Iki kirakomeye. Abana banje ntibazobabara nkanje".










