Umwiheburo uvuye kw'ibahari ibandanya kumira ibibanza vy'iratiro vya Kenya

Inzu yasambutse ku musenyi i Kipini muri Kenya
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News, Kipini

Igihe Roberto Macri yubaka ihoteri yiwe nziza cane mu kigwati ca Kipini kiri ku nkengera y'ibahari, hari ku metero 100 uvuye ku mazi y'ibahari Indiyano.

Inyuma y'imyaka hafi mirongo ibiri, yararonse amahera menshi kubera ingenzi zaza ari nyinshi kuryoherwa ku musenyi no kwigina akazuba.

Ihoteli Tana Lodge, yari yubatswe hejuru ku musenyi, yatuma umuntu yibonera ubwiza bw'ikiyaga butangaje.

Ariko mu 2014, abantu batanguye kubona ibintu bihinduka. Urugero rw'amazi rwaratanguye kuduga, hanyuma mu myaka itanu, utuzu icenda tugize iyo hoteli twaramizwe n'ibahari - kamwe kamwe inyuma y'akandi.

Uwo mugwizatunga w'umutaliyano Macri yabwiye BBC ati:"Ibahari yagiye irahinduka ari na ko igenda yinjira ahubatswe ihoteli. Akazu ka nyuma k'iyo hoteli kamizwe mu 2019, ikaba ari yo yabaye impera y'ihoteli yanje rurangiranwa."

Uko ibahari yasa uyiraba wicaye muri Tana Lodge - isanamu ya kera

Ahavuye isanamu, Roberto Macri

Insiguro y'isanamu, Ingenzi zahora zinezereza mu kuraba ibahari zicaye mw'ihoteli Tana Lodge

Ubu abandi bantu baba mu kigwati ca Kipini, amazu yabo ari inyuma cane y'ihoteli yanje, na bo bafise iyo ngorane.

Kipini - iri ku nkengera y'uruzi runini cane muri Kenya, Tana River, rwisuka mw'ibahari Indiyano - ni kimwe mu bigwati vyinshi biriko birazimangana buhoro buhoro.

Saida Idris, arongoye abandi mu mibano, yabwiye BBC ati:"

"Ibahari yigira imbere buri musi, amazu yacu ariko arabomoka. Turafise ubwoba ariko nta kintu na kimwe dushobora gukora."

Avuga ko abantu benshi bamaze gupfa kandi ko igitigiri c'abantu kitaramenyekana kimaze kuburirwa irengero inyuma y'aho batwariwe n'umwuzure w'ibahari uvanze n'imiyaga cane cane mw'ijoro.

Uguhona kw'amashamba yo mu mwonga yahora akinga inkukura ahantu hamanuka, ni yo yabaye intandaro.

Amashamba yo mu mwonga agwiriyemwo ibiti birinda umunyu, bigatuma umunyu wo mw'ibahari udashika mu mirima, bikanagumya isi ndimwa yohavuye itwarwa n'amazi.

Igituma ayo mashamba ahona bisa n'uko ari uruvagatirane rw'abantu bayatema barondera ibiti bironderwa cane - n'iduga ry'amazi y'ibahari bivuye kw'ihindagurika ry'ibihe, abahinga babona ko ari mpamvu nyamukuru.

George Odera, umuhinga muvyo amashamba n'ibikoko asigura ati:" Kipini irageramiwe n'imiyaga ikomeye iza kwongereza inguvu imipfunda yo mw'ibahari."

Ifoto yo mu kirere ya Kipini

Ahavuye isanamu, Roberto Macri

Insiguro y'isanamu, Kipini iri mw'ihuriro ry'uruzi Tana n'ibahari Indiyano
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kipini n'ibiti vyaho biteye igomwe vy'ibigazi, ibirungo bimota cane hamwe n'ibiribwa vyo mu mazi bariko barotsa, vyerekana amashusho y'ubuzima bwo kunkengera y'ikiyaga muri Kenya.

Ariko ubwo buzima burabangamiwe n'iduga ry'amazi y'ibahari ribandanya.

Nk'uko bivugwa na Omar Halki , umurongozi wo muri ako gace, hafi ibirometero 10 vyahoze ari izi yumye vyaramizwe n'ibahari mu myaka cumi iheze.

Yabwiye BBC ati:"Nta gihe kinini gisigaye ngo aka karere kose gatwarwe n'amazi."

Kipini ibamwo abantu boba bashika 4.000, abahaba bakaba babwiye BBC ko batagishobora kwimba canke kwubaka umushinge w'inzu zabo ukomeye kubera amazi y'ibahari yaduze cane.

Bamwe mubaba i Kipini bagereranya ko abarenga 1.000 bamaze kwimukira mu bindi bigwati mu myaka cumi iheze.

Ibinogo vyinshi vyahora bavomamwo amazi meza ubu arimwo umunyu, bikabatuma barondera ubundi buryo bwo kuronka amazi yo kunywa.

Ukwiyongera kw'amazi arimwo umunyu kwaragize kandi ingaruka zikomeye ku burimyi.

Inkara n'ibindi binyamazi vyahora biha uburaro n'uburamuko abantu bo muri ako gace, ubu ntibikiboneka kuko aho bisanzwe bivyarira ari mu mashamba yo mu mwonga.

Ibisigarira vy'ibiti vyari bigize amashamba yo mu mwonga ni vyo bisigaye bigaragara ku musenyi wa Kipini
Insiguro y'isanamu, Ibisigarira vy'ibiti vyari bigize amashamba yo mu mwonga ni vyo bisigaye bigaragara ku musenyi wa Kipini

Iduga ry'amazi ryaragize ingaruka ku bice vyose vy'ubuzima, harimwo ingene abantu bashingurwa.

Umwe mu bahaba yabwiye BBC ati:" Imva ziri hejuru kuko ntidushobora kwimba gushika ku metero zitandatu zisabwa n'amategeko, ibiziga bishingurwa mu mazi."

Kipini iri mu karere ka Tana River, ubu gahanzwe n'ingorane nyinshi zijanye n'ihindagurika ry'ibihe - kuva ku ruzuba rukaze n'ibura ry'amazi mu bibanza bimwe bimwe gushika ku mwuzire aahandi.

Ni co kibanza ca mbere co muri ako karere kimaze kurengerwa n'urugero rw'amazi rwaduze cane.

Ariko bamwe mu bahaba bavuga ko inkengera z'ibahari ziteye zagiye zirahinduka - bakavuga ingene abantu bake bari batunzwe n'uburovyi mu gace ka Ungwana Bay batwawe mu myaka iheze.

Abandi bavuga ko uruzi rwa Tana rushobora guhindura aho ruca.

Asigura ko yabwiwe ko urwo ruzi rwahoze ruca i Kipini kera, Rishadi Badi yabwiye BBC ati:"Basokuru baratweretse aho aho urwo ruzi rwahora ruca."

Ubwato buri i Kipini, Kenya
Insiguro y'isanamu, Abantu baba Kipini barafise ubwoba ku buryo bwo kubaho hamwe n'amazu yabo.

Ariko Odera, yagize ubushakashatsi ku kaga kugarije Kipini, avuga ko biva kw'ihindagurika ry'ibihe.

Agira ati:"Ibiriko biraba i Kipini si ibintu vyo kuva kera, n'ibintu vy'ubu vuba, kandi ukuri kubabaje n'uko, bitariko birahinduka."

Abategetsi bo muri ako karere bashaka kwubaka uruhome rutangira amazi y'ibahari rureha n'ibirometero 72 mu ntumbero yo gukingira ico kigwati amazi ava mw'ibahari.

N'aho abategetsi bemera ko ibintu bimeze nabi, uwo mugambi w'urwo ruhome nturatangura gushirwa mu bikorwa kubera ibura ry'uburyo, nk'uko bivugwa na Mwanajuma Hiribae, umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru ajejwe ivyo amatongo muri ako karere.

Yabwiye BBC ati:"Guterwa n'amazi yo mw'ibahari n'ikibazo gikomeye cagize ingaruka ku bindi bigwati bishika 15, kandi ubutegetsi bw'aka karere bwonyene ntibushobora kugitorera inyishu."

Impome nk'izo zarubatswe mu bibanza biranga akahise nko kuri Fort Jesus i Mombasa na Vasco Da Gama Pillar i Malindi inyuma y'aho amazi y'ibahari atanguriye kugeramira ibibanza bikwega ingenzi.

Ariko abahinga muvyo ihindagurika ry'ibihe bavuga ko kwubaka uruhome i Kipini "si umuti urama", harakenewe utwigoro two gukingira ibidukikije, nko gusubira gutera amashamba yo mu mwonga.

Odera yagize ati:"Ibahari si ikintu reta izovyuka ngo igihagarike. Turakeneye gufasha abanyagihugu kumenya kuvyifatamwo no kumenyera ibijanye n'ihindagurika ry'ibihe."

Ababa i Kipini bavuga ko ubu biyumva nk'ingenzi z'umwanya muto mu mazu yabo, aho misi yose batambuka baja kuraba aho ibahari iteye ibasugereza.

Halki agira ati:"Mu gihe ata bufasha bwoboneka muri iyi myaka itatu, akarere kose ka Kipini kazomirwa n'ibahari."

Kuri Macri, nta kintu na kimwe asigaje, ubu yimukiye mu gisagara kiri ku nkengera y'ibahari ca Malindi, ku birometero 170 uvuye i Kipini.

Agira ati:"Aka karere ni nk'inzahabu - ikigwati gitekanye kirangwamwo umusenyi mwiza, gikikujwe n'ibiti vy'inazi n'inyubakwa za kahise zubatse iruhande gato y'umusenyi."

Ikintu conyene gisigaye ku mutahe w'amadorari 460.000 yakoresheje , n'inzu yahoze ikoreramwo uwugenzura abakozi, iri ku metero 50 uvuye kw'ibahari, na yo irindiriye urwayo.

Ku hegtari 10 zari zubatsemwo iyo hoteli, zine zaratwawe burundu.

Macri aracabungabunga izo zitandatu zisigaye mu cizere ko azogaruka asubire ashiremwo imitahe igihe amazi y'ibahari azoba atakivogera inkengera zayo.

Uwahoze amugenzurira abakozi, Joseph Gachango, na we nyene nta co yirengeje.

Agira ati:"Narababaye cane kubona ihoteli yahoze ihurumbirwa n'ingenzi zivuye kure cane nko mu butaliyano itwarwa, abakozi barenga 50 batakaza akazi."