Imvo n'imvano kuri PAEEJ: Bamwe bati:"Iraduteje imbere"... abandi:"Nta co itumariye."

Insiguro y'amajwi, Umukuru w'igihugu c'Uburunsi Evariste Ndayishimiye (yambaye agapira kera) ari kumwe n'indongozi za PAEEJ
Imvo n'imvano kuri PAEEJ: Bamwe bati:"Iraduteje imbere"... abandi:"Nta co itumariye."

Ikiganiro c'imvo n'imvano c'uyu musi turabira hamwe iterambere ry'ugwaruka rw'abarundi biciye mu mugambi PAEEJ utanga ingurane ku bafise imigambi bashaka kurangura.

Gushika ubu, imigambi irenga 450 iramaze guhabwa ingurane na PAEEJ, mu gihe urwaruka rumaze gukarihirizwa ubwenge rwababa ibihumbi 45.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye, aherutse kuvuga ko, umugambi PAEEJ umaze kuramura urwaruka ubu hakaba harin urumaze gushikana imiriyaridi y'amafaranga y'amarundi.

Urwaruka rwinshi rurashima uwo mugambi. Ariko hari abavuga ko bisa n'uko batarashikira urwaruka hose mu gihugu, ko bisa n'uko abafashwa cane boba bari mu gisagara.

Hari n'abavuga ko abana b'abifise ari bo benshi bahatorera akoyoko kuko baheza bakaronka uburyo bwo kuriha incabwenge zibandikira imigambi neza.

Muri kino kiganiro, turaca hirya no hino ibibazo urwaruka rwibaza ku mugambi PAEEJ, hamwe n'inyishu zavyo.

Muri kumwe na Cyriaque Muhawenayo