Umukuru w'igihugu wa mbere wa Namibia, Sam Nujoma, yasandavye ku myaka 95

MU gihe ca bwa butegetsi bw'ivangura bwa Afrika y'Epfo yatwara Namibia gikoloni, Nujoma yiswe "umuterabwoba agendera ku vyiyumviro vy'aba-Marxistes"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, MU gihe ca bwa butegetsi bw'ivangura bwa Afrika y'Epfo yatwara Namibia gikoloni, Nujoma yiswe "umuterabwoba agendera ku vyiyumviro vy'aba-Marxistes"

Umukuru w'igihugu wa mbere wa Namibia, Sam Nujoma, yaraye asandavye ku myaka 95 ku mugwa mukuru Windhoek, inyuma y'indwi zitatu yari amaze arwariye mu bitaro, nk'uko bitangazwa na Perezida Nangolo Mbumba.

Sam Nujoma yavutse mu 1929 muri Namibia, ico gihe yari izwi nka South West Africa ikaba yatwarwa na Afrika y'Epfo gikoloni, akaba yiyita "umuhungu w'imfura mu muryango w'abarimyi".

Nujoma yarabaye umukozi wo kw'ibarabara ry'indarayi kandi akaba yarakunda poritike – mbere yaripfuza cane kubohora abantu biwe akabavana mu bukoloni.

Yigira ku makuru y'abanya-Namibia bari barongoye urugamba rwo kwivuna abakoloni b'Abadagi mu myaka ya 1880, iki gihugu kikaba cararongowe n'Ubudagi kuva mu 1884 gushika mu 1915.

Gushika mu 1959, Nujoma yabaye umurongozi wa Ovamboland People's Organization, umuhari wagiye kuvyara SWAPO, South West African People's Organization, umugambwe wagize uruhara rudasanzwe mu rugamba rwo kwikukira, ubu ukaba ari wo urongoye igihugu.

Mu 1960, Nujoma yarirukanywe mu gihugu, aho yabaye mu gihugu vya Zambia, Tanzania na Angola. Nujoma yarashitse i New York gusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryokwemera ukwikukira kwa Namibia, ariko Afrika y'Epfo ntiyavyerekwa. Mu 1966, hatanguye intambara ya kanyeshamba yo kurwanira ukwikukira kw'igihugu.

Nujoma ni we yarongoye SWAPO ari mu buhungiro muri ico gihe c'intambara, aho Afrika y'Epfo yahavuye imwita "umuterabwoba agendera ku vyiyumviro vy'aba-Marxist".

Mu 1989, igihe Afrika y'Epfo yari yamaze kwemera kuva muri Namibia, Nujoma yaratahutse mu gihugu. Namibia yagiye kuronka intahe y'ukwikukira mu 1990, inyuma y'imyaka hafi 25 y'intambara.

Nujoma yatsinze amatora y'ikiringo ciwe ca mbere nk'umukuru w'igihugu mu matora yo mu 1990. Yasubiye gutorwa mu 1994 na 1999. Nujoma yarahinduye ibwirizwashingiro ry'igihugu kugira ngo ashobore kwitoreza ikindi kiringo, ivyatumye anegurwa bikomeye.

Mu 2005, Nujoma yatanze imihoho nk'umukuru w'igihugu hanyuma mu 2007 atanga imihoho ku burongozi bw'umugambwe SWAPO yari amazeko imyaka 47.