Umwamikazi wa Denmark yatangaje ko atanze kuri TV

Umwamikazi wa Danemark Margrethe amwenyura

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

    • Umwanditsi, Jacqueline Howard & Oliver Slow
    • Igikorwa, BBC News

Umwamikazi wa Danemark Margrethe II (Margrethe wa Kabiri) yamenyesheje mu buryo butangaje ko azotanga uyu mwaka mw'ijambo yasomye ku mboneshakure.

Neza na neza azotanga ku wa 14 Nzero (1), umunsi azoba akwije imyaka 52 ashitse ku ngoma.

''Nzosigira ingoma umuhungu wanje, Umuganwa Samuragwa Frederik,'' nk'uko yabimenyesheje.

Uwo mwamikazi w'imyaka 83 niwe wenyene yari asigaye ariwe mwamikazi ashaje cane kw'isi akaba n'uwa mbere aramvye ku ngoma i Buraya, akaba yashitse kuri iyo ngoma inyuma y'upfu rwa se Umwami Frederik IX mu 1972.

Bitandukanye no mu bwami bw'Ubwongereza, nta birori bizoba vyo kwimika Umuganwa Frederik, w'imyaka 55. Ahubwo ukwima kwiwe bizotangazwa n'ikirimba ca Amalienborg i Copenhague kuri uwo munsi.

Azofata ikibanza ciwe nk'Umwami wa Danemark akaba n'umukuru w'igihugu aho ari umwami yisunga ibwirizwa shingiro - aba kandi ari n'umwami wa Greenland n'amazinga ya Faroe.

Umwamikazi yahishuye ko yashitse kuri iyo ngingo agize igihe avyiyumvira inyuma yo kubagwa mu mugongo mu ntango z'umwaka uheze.

''Uko kubagwa birumvikana ko kwatumye kwibaza kuri kazoza - niba hari hageze kuva mu mabanga nkayashikiriza urunganwe rukurikira,'' nk'uko yavuze.

''Nafashe ingingo ko iki ari co gihe ciza,'' niko yabandanije avuga, aca ashimira Abanya-Danemark ku buryo bamushigikiye iyi myaka yose.

Umushikiranganji wa mbere Mette Frederiksen yashimiye umwamikazi ku ''kwihebera no kwitangira atiziganya Ingoma [ya Danemark].''

''N'ubwo amabanga y'ubwami amaze imyaka 1.000 ahererekanywa, n'ubu biracagora kwumva ko igihe cashitse aho hima uwundi,'' nk'uko yavuze mw'itangazo.

''Benshi muri twebwe nta wundi tuzi ku ngoma. Umwamikazi Margrethe niwe cirori ca Danemark kandi muri iyi myaka yose yashize amajambo n'ibikorwa mu kuba turi ico turi nk'abantu n'igihugu.''

Umwamikazi Margrethe II n'Umwamikazi Elizabeth II

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi Margrethe II n'Umwamikazi Elizabeth II mu mwaka wa 2000
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umwamikazi Margrethe n'umuntu akundwa cane muri Danemark, kandi abenshi mu banya-Danemark bari biteze ko yogumye ku ngoma gushika apfuye.

''Kuri twebwe ni nk'Umwamikazi Elizabeth kuri mwebwe,'' niko umumenyshamakuru w'UmunyaDenamark Tine Gotzsche yabwiye BBC.

Umwamikazi Margrethe yaritavye ibirori vyo gushingura Umwamikazi Elizabeth mu 2022, kandi bagiriye ibirori vy'isabukuru ya jubilee mu mwaka umwe.

Ntivyari vyitezwe ko azoba Umwamikazi igihe yavuka. Ariko afise imyaka 13, amategeko yo muri Danemark yarahindutse yemera ko abagore bashobora kuja ku ngoma.

Bamwe bafata ko ari we muntu yari amaze imyaka myinshi ku ngoma. Sultan wa Brueni amaze imyaka myinshi ku ngoma kumurusha, ariko igihugu ciwe caronse intahe yo kwikukira mu 1984.

Ni we kandi abaye Umwamikazi wa mbere imyaka myinshi muri kahise ka Damemark inyuma yo kuyisumvya Umwami Christian IV, wa Danemark na Norvege, mu ntango z'uyu mwaka.

Ku kazina ko kumukunda ka Daisy, Umwamikazi Margrethe yari azwi ku kunywa itabi no kwanka terefone ngendanwa na internet -aho yavuze ko ''anezerwa cane'' kuba atabifise.

Gotzsche yavuze ko uguhererekanya ingoma muri Danemnark ari igihe c'umunezero n'umubabaro.

Umuganwa Frederik n'Umwamikazi Mary i Westminster Abbey

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Samuragwa Frederik n'Umuganwakazi Mary (umugoe wiwe) bari mu birori vyo kwimika Umwami Charles III (w'Ubwongereza) mu kwezi kwa gatanu

''Yamye ari kumwe na twe igihe cose, yasazanye na twe twese,'' nk'uko yavuze, ariko yongerako ati: ''Umuganwa Samuragwa ari mu mwanya mwiza wo kumusubirira, vyose biri ku murongo - niko bitegerezwa kugenda, kandi birumvikana cane.''

Umuganwa Samuragwa Frederik, co kimwe na Charles III w'Ubwongereza, arazwi cane mu kwitaho ibidukikije. ''Yiyemeje ''kuyobora ubwato'' bwa Danemark muri kazoza.

Umugore wiwe, Umuganwakazi Mary, yakuriye mw'izinga rya Tasmania rya Australia. Yakora nk'umushingwamanza igihe bahura mu 2000.

Babonwa na bamwe nk'abaserukira indangagaciro z'ibihe vya none aho bagerageje kurera abana babo mu buryo busanzwe bushboka, mu kubarungika cane cane mu mashure ya reta.

Igihe yari ku ngoma, Umwamikazi Margrethe yabandanije igikorwa ciwe co kuba umunyatugenegene kandi yari azwi cane gukunda utugenegene.

Yari azwi kandi gukunda kahise gashingiye ku bisigarira (archeologie) kandi yaragize uruhara mu bikorwa vyo kurondera no kwiga ibisigarira.

Yize mu Bwongereza, kuri kaminuza za Girton College ya Cambridge na London School of Economics.

Mu 1967, yabiranye n'Umufaransa Henri de Laborde de Monpezat, yabaye umugabo w'umwamikazi gushika aho apfiriye mu 2018.

Mu bibazo vyo kubaho mu bihe vya none nk'iyindi miryango y'ubwami i Buraya, umuryango w'ubwami muri Danemark warafashe ingingo yo kugabanya abahabwa icubahiro c'i bwami.

Ntivyakiriwe kumwe mu gihugu igihe abana b'Umuganwa Joachim, murumuna w'Umuganwa Samuragwa Frederik, bakwa amazina y'igihagararo c'i bwami.