Kuki ‘cholera’ igarutse yiha inkumbi?
Kuki ‘cholera’ igarutse yiha inkumbi?
‘Cholera’ iri mu migera itera yiyongera, iza ikaze, yica mw’isi, ibi bihe.
Nigeria gusa, leta imenyesha ko mu gihe gito baharura mu bantu hafi 30 imaze guhitana.
Ahatari imyuzure, haboneka ibihuhusi canke ubugararwa, bitera isuku rike, amazi meza agakena, uwo mugera ukarandagata.
Mu 2023, ibihugu 24 harimwo nka Malawi, DRCongo, Mozambique, Somalia, vyaramenyesheje ko vyatewe na ‘cholera’, yishe abantu benshi muri iyi myaka mike iheze.




