‘Nashaka gusubira kuronka imbezi yanje'-umugore yagenyerewe hanyuma agahitamwo gusanasanwa kwa muganga

- Umwanditsi, Bushra Mohamed
- Igikorwa, BBC News
Kugabisha: Iyi nkuru irimwo aho bavuga mu buryo bweruye ibikorwa mu kugenyera abagore
Shamsa Sharawe asigaye yankwa cane mu banya-Somalia kw'isi yose kubera kuvuga yiyamiriza kugenyera abagore. Muri video agereranya ivyamushikiye igihe yacibwa imbezi n'imishino yiwe [female genital mutilation, FGM) afise imyaka itandatu, yafashe ishurwe ry'iroza, akoresheje urwembe arivanako umwitwikiro waryo hanyuma ibisigaye kuri iryo shurwe aca arabarira.
Kuri Tik Tok iyo video yararabwe cane - hafi incuro miriyoni 12 kuva ihanahanywe haraheze amezi 16.
Nta munya-Somalia, mbere n'ababa mu bihugu vyo hanze, yigera bavugira ku mugaragaro ivyo kugenyera abagore - n'ubwo bitera ingorane zikomeye nk'ubutinyanka bubabaza, kugorana mu gusoba, kubarara birengeje mu gihe c'imibonano mpuzabitsina hamwe n'ibishobora kubangama n'ihahamuka mu gihe ko kuvyara iyo imishino n'imbezi vyaciwe hanyuma umuhora [w'igitsina] ukagabanywa ugasigara ari agatoboro gatoya.
Ubwo buryo bwo kugenyera abagore -buzwi nka infibulation canke type three(3)'' - nivyo bishikira abakobwa benshi muri Somalia kuko bishizemwo ko guca uduce two hanze tw'igitsina bituma umukobwa aguma ari isugi.
Abagore batagenyerewe barabwa na benshi mu banya-Somalia nk'uko batagira ubuntu bukwiye canke ko bamana inyota y'imibonano mpuzabitsina, ivyo navyo bigashobora guhumanya iteka ry'umuryango.
Ariko uwo mugore w'imyaka 31 akoresha Tik Tok, yaje kuba mu Bwongereza mu 2001 ahunze intambara yo muri Somalia, ntatinya kwihanga ivyo vyabaye nk'ibitavugwa mbere akabivuga atwenza, ahamagirira abandi kubivuga akenshi akoresheje kuvugisha ukuri kuvuna umutima.
Akoresheje izina rya Shamsa Araweelo kuri Tik Tok, yaratanze intahe iteye ubwoba y'ingene yarongojwe ku gahato hanyuma agasambanywa ku nguvu ata minsi iheze akwije imyaka 18 igihe yari agiye gutembera muri Smalia. Vyafashe amezi atandatu kugira ashobore gutoroka asubire mu Bwongereza.
Kumbure ikintu gikomeye kurusha ibindi yubahutse kuvuga ni ukwemera ko yashaka ko yosubira kuronka ibice vy'igitsina ciwe vyaciwe akiri muto - yaravyifuza cane gushika aho abitangira amafaranga kugira umuganga asanasane kuko bitari mu vyo urwego rwo kuvuza abantu mu Bwongereza National Health Service (NHS) rwemerera abantu gukora.
Yamenye ko bishoboka igihe yaronderwa na Haja Bilkisu, umwenegihugu w'Ubudagi nawe yari yaragenyerewe akiri umwana igihe yari agiye gutembera mu gihugu c'amavukiro arico Sierra Leone.
Mu kwishura kuri vodeo ya Sharawe, Bilkisu yasiguye ko imbezi (clitoris) yiwe yasanasanywe abifashijwemwo n'umuganga Dan mon O'Dey ku bitaro vya Luisenhospital i Aachen mu Budadi.
''Ico ciyumviro co gusubira kugenyerwa caranteye ubwoba, n'ubwo ubu ho hari ku gushaka kwanje,'' niko Sharawe yabwiye BBC.
''Ariko nategerezwa kubikora kugira nkize amagara yanje yo mu mutwe. Nashaka ko ntokwigera nsubira kwumva ububabare.''
Ico gikorwa kiba kirimwo gusubira kwubaka imbezi n'imishino - ku vyerekeye Sharawe hakoreshijwe agace bakevye ku nyama yiwe yo ku gisusu - hamwe no kuvanaho utuvyimba n'umubiri w'inkovu kugira hagabanywe ububabare hanyuma umugore asubirane ubuzima bw'imibonano mpuzabitsina. Kuri bamwe bamwe umuhora urasubira ukagurwa kugira ungane uko wahora kera.

Ahavuye isanamu, Shamsa Sharawe
Sharawe, yashizwe ku rutonde rw'abagore 100 ba BBC rwo mu mwaka uheze kubera ishaka ryiwe ryo kurwanya kugenyera abagore, yafashe ingingo yo gusangiza abandi urugendo yagize mu Budagi n'ingene yasubiye kuba uko yahora kugira abagore nka we bamenye ico bohitamwo.
Ariko inyuma yo kurongorwa ubugira kabiri naho nyene bikagenda nabi niho yahavuye aronka intege zo gutangura kwiyamiriza ibibera mu banya-Somalia.
Sharawe, ubu asigaye ari umuvyeyi areze umwana wenyene, umukobwa w'imyaka 10, yumva ko yatereranywe na NHS.
NHS yemera 'deinfubulation' gusa ku bagore baciwe ibice vy'igitsina cabo - n'ukuvuga ko basubira kwagurirwa umuhora, ariko ntibarihira gusubirizwa ibice vyaciwe canke ngo gusubiramwo ahononekaye.
Shaware yaciye arondera amafaranga yo kuja kubikoresha mu Budagi.
Abicishije mu guterereza amafaranga make make ku mbuga hwaniro (crowdfunding), yarashoboye kwegeranya $32.000 - hanyuma amara amasaha ane n'inusu ariko arakorwa.
Mu Budagi yamazeyo amayinga atatu hanyuma aho agarukiye, uwo aharanira kurwanya igenyerwa ry'abagore akaba n'uwunganira mu kwigisha yamaze amezi adashobora kuva mu nzu mu gihe yari akiriko arakira.
Kubera amafaranga yo kurera umwana n'ayo kuriha ibindi vya nkenerwa hakajako ayo yatanze mu gukorwa, ubu aracari mw'ideni - ibitaro arabiheraniye ayarenga $3.800.
''Kuriha ivyononekaye kandi atari we wabihisemwo, canke ngo bibe vyakuvuyeko, si vyo na gato,'' niko avuga.
Mu myaka nka mirongo iheze, harizwe ubuhinga bwo kwa muganga bwo gusanasana ibiba vyononywe - bwagiwe imbere n'umuganga w'umufaransa Pierre Foldès.

Gusubira kwubaka imbezi (clitoris) birarihwa n'inzego zo kuvuza abantu mu Bubirigi, Finlande, Ubufaransa, Ubudagi, Swede na Swisse.
Ariko muri Afrika, aho benshi mu bagore n'abakobwa bagenyerewe bari - bene ubwo buhinga bukorwa muri Kenya aho abavyifuza bariha amafaranga arenga $1.200, no mu Misiri aho amashirahamwe ategamiye reta ashobora kuriha amafaranga bitwara.
''Si umuganga wese abaga ashobora gukora ico gikorwa. Biragoye cane kandi umurwayi umwe wese ameze ukwiwe,'' bivugwa na muganga Adan Abdullahi, umuhinga muri Kenya.
Ariko uko aba yaragenyerewe kwose, araharonkera akarusho. ''Bifise ingaruka nziza mu gihe co kuvyara, na cane cane ku bwoko bwa 'type three', bujana no kugabanya umuhora.''
Izindi ngorane, nko kubabara mu gihe c'imibonano mpuzabitsina, zishobora kugabanurwa cane canke zigahera, niko avuga, akongerako ko abarwayi biwe rimwe na rimwe bongereza kwumva biyemeye ''no kwumva ko bakwiye''.
Bilkisu avuga ko yumva akwiye kuva akozwe, we akaba yavujwe n'urwego rw'igihugu mu Budagi. ''Gukorwa cabaye ikintu gikomeye, inzira yo kwivyukiranya.''
Uwo mugore w'imyaka 30 atera intege abandi ngo bakore ubushakashatsi neza imbere yo gufata ingingo. ''Gusanasana si ugusanasana imbezi gusa.
''Abagore benshi bagenyerewe baba bafise ikibiribiri kinini c'inkovu. Utegerezwa kubivugana n'umuganga wawe. Wokora iki ngo worohe gusumba?''
Bilkisu, yari afise ishaka ry'uko umunsi umwe yosubira ''kugira ubuzima busanzwe bw'imibonano mpuzabitsina'' akanishimira umubiri wiwe, yakozwe gatatu muri iyi myaka itatu iheze - kandi rimwe rimwe ryose rikamara amasaha hafi atandatu.
''Ni vyinshi ku mubiri wawe. Urasinzirizwa. Mu nyuma utegerezwa gufata imiti, Namaze amayinga ntashobora gutambuka,'' niko avuga.

Ariko abaganga bamwe bamwe nka Reham Awwad wo mu Misiri, bashira imbere ubuhinga butari ubwo kubaga.
Uwo muganga w'umugore avuga ko n'ubwo gusanasana biciye mu kubaga bishobora gusubiza ibintu mu buryo, kubaga rimwe na rimwe bigera kure ku buryo n'uburyo bwa mbere buteye imbere budashobora kugarukana ubushobozi bw'ingene igitsina categerezwa gukora.
''Sinibaza ko kubaga ari inyishu kuri buri wese,'' niko yabwiye BBC.
Hafi ica kabiri c'abarwayi ku bitaro vyiwe, vyuguruwe mu 2020, ubu bavurwa hakoreshejwe ubuhinga butari ubwo kubaga nko guterwa amaraso arimwo ibifasha umubiri kwiyubura.
Ariko aragabisha ko igiciro gihanitse c'ubwo buhinga gituma atari benshi bashobora kubwubahuka.
Ivyo bitaro vyiwe biratanga kandi ubuvuzi buciye ku nyigisho kugira abarwayi bakire ihahamuka iyo bagenyereye ku myaka bashobora kwibuka igihe babikorerwa.
Ku bahitamwo gusanasana biciye mu kubaga, ivyakozwe bishobora kubatera ibigumbagumba.
''Igihe nabona ubwa mbere imbezi yanje sinatahura kuko kuri jewe vyari nk'uko atari rwanje,'' niko Bilkisu yavuze mu gihe yayiciwe afise imyaka umunani.
Sharawe avuga ko bamwe bifata umwanya kugira bamenyere, no kwiga ibintu bimwe bimwe nk'ingene wigenza mu gihe c'ubutinyanka busanzwe.
Bizofata ayandi mezi atandatu kugira asubire kumera neza uko yahora - kandi ntararonka amafaranga yo gusubira kuja kurabisha uko biriko biragenda, ivyo bikaba bimuteye umutima uhagaze.
''Ariko ubu ndazi ico ari co kuba umugore yuzuye... Ndi umugore anezerewe cane,'' niko avuga.
''Ndashobora kwambara ikareso ntababara. Ndashobora kwambara ipantaro. Numva ndi umuntu nk'abandi.''
N'ubwo harihio abo babipfuye mu banya-Somalia ku mbuga hwaniro- ivyo kandi yari avyiteze - bamwe mu muryango wiwe baramutangaje mu kumushigikira.
Umwe muri ba sewabo we yashatse kumenya niba ivyo bikorwa mu Bwongereza kugira azojane umugore wiwe.
''Ntamererwa neza no kubona umugore wiwe akigirwako ingaruka n'ukugenyerwa yakorewe haraheze imyaka irenga 50. Yashaka ko ubuzima bw'umugore wiwe buba bwiza gusumba... kuko twese dukwiye kuronka ubuzima bwiza.''










