Burundi: Imvo n'Imvano ku bagore n'abigeme bahohoterwa mu guhiga ubuzima mu bihugu vy'abarabu

Insiguro y'amajwi, Umviriza ngaha: Burundi: Imvo n'Imvano ku bagore n'abigeme baja guhiga ubuzima mu bihugu vy'abarabu
Burundi: Imvo n'Imvano ku bagore n'abigeme bahohoterwa mu guhiga ubuzima mu bihugu vy'abarabu

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze muri iki kiganiro c’imvo n’imvano co kuri uyu wa gatandatu itariki 15 z’ukwezi kwa kane mu 2023.

Ikiganiro c’uyu musi cerekeye abagore n’abigeme baja guhiga ubuzima mu bihugu vy’abarabu, cane cane muri Arabia Saoudite, bamwe bamwe bakagaruka bavuga ko bahohotewe mu buryo butandukanye.

Muri bo hari abava mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, harimwo n’Uburundi. Bamwe muri abo bagore bavuga ko bahohoterwa mu gufatwa ku nguvu, gukubitwa no kwimwa imishahara baba bakoreye.

Nk’abarundikazi bavuga ko bajanwa muri ivyo bihugu n’amashirahamwe afise ivyicaro mu bihugu nka Kenya canke Uganda. Ayo na yo akaba yari afise abo bakorana mu Burundi.

Incuro nyinshi ku mbuga hwaniro hagiye hagaragara ubutumwa bwo gutabariza abarundikazi bagorewe mu bihugu vy’abarabu. Abategetsi bavuga ko bigoye kumenya ivyabo kuko baca mu nzira zitazwi n’amategeko. Hari n’inkuru zivuga ko hari n’abashikayo bahinduwe amazina n’ibihugu bakomokamwo kugira ntibafatwe.

Mu mpera z’umwaka wa 2020, igipolisi c'Uburundi carahagaritse abagore barenga 100 bari bugaraniwe mu nzu imwe iri muri zone Buterere, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Uko ari 101 bava mu ntara za Bujumbura rural, Cibitoke, Bubanza hamwe n'igisagara ca Bujumbura.

Hari n’abagiye barafatirwa mu bihugu vya Kenya na Ugunda bagaca basubizwa inyuma.

Abo bagore bagenda barondera ubuzima kuko mu bihugu vy’abarabu agashahara gatubutse. Bavuga ko ku kwezi bahembwa amadolari amajana atatu, mu gihe biriwe bararimira umuntu mu Burundi batarenza amadolari 30 ku kwezi. Umukozi wa reta akirangiza kaminuza mu Burundi afata amadolari ari musi y’ijana ku kwezi.

Ariko hari abadakubita ijisho uwo mushahara bagataha bimyiza ibamfu. Hari n’abataha bafashwe ku nguvu mbere banavyaye n’abana b’abarabu.

Iyo ivyo bibazo bibashikiye kenshi na kenshi barondera kwitura ababajanye, ariko ntibabitabe canke ngo bagire ico babamarira.

Ubuserukizi bw’Uburundi muri Arabia Saoudite ngo buragerageza kubafasha ariko kubera baba baciye mu nzira zitazwi, bavuga ko bitaborohera.

Reta y’Uburundi yarahagaritse ingendo z’abagore baja gukorera mu bihugu vy’abarabu, ibasaba guca mu nzira zizwi neza.

Mu mwaka uheze, reta y’Uburundi yaragiriraniye amasezerano n’igihugu ca Arabia Saoudite yo kuza bararungikayo abakozi mu nzira zizwi.

Gushika kw’itariki zitandatu z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka, amashirahamwe 17 ni yo yari amaze kuronka uruhusha rwo kuza ararungika abakozi muri Arabia Saoudite.

Muri kino kiganiro rero, turarabira hamwe ingorane abarundikazi bagiye baragira mu bihugu vy’abarabu na cane cane muri Arabia Saoudite. Mbe bajayo baciye mu zihe nzira? Bashitseyo bagira izihe ngorane? Bafashwa na bande? Ubu ibibazo vyabo ni nde ariko arabikurikirana? Abafashwe ku nguvu bakavyara, bazi n’ababafashe ku nguvu, ivyabo bizogenda gute? Amashirahamwe aherutse kwemererwa kuza ararungika abakozi muri Arabia Saoudite azovyifatamwo gute mu guhangana n’izo ngorane? Mbe ko hari ayo mashirahamwe mashasha, ubu ivyo bibazo vyaraheze?

Turi kumwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire, Sonia Inès Niyubahwe. Ubwo bushikiranganji bubicishije ku buserukizi bw’Uburundi muri Arabia Saoudite, ni bwo bufasha mu gutabara bamwe bamwe mu baba bahuye n’ivyago muri ico gihugu.

Turi kumwe kandi na Myriam Ndayishimiye avuga ko yamaze amezi n’amezi akubitwa n’umukoresha wiwe gushika aho atabarwa n’umugiraneza. Akaba yatashe atanahembwe amahera yiwe.

Uwundi turi kumwe ni Jimmy Bigirimana, aserukira ishirahamwe Global Consulting Office of Burundi, ryakira rikongera rikarungika abakozi muri Arabia Saoudite biciye mu mategeko.

Kino kiganiro c’imvo n’imvano mwagiteguriwe kandi mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.