Umugambwe CNL usaba kuronswa ibibanza "biwukwiye" mu mugwi ujejwe amatora mu Burundi

Insiguro y'amajwi, Umva ngaha ikiganiro umunyamabanga mukuru wa CNL, umushingamateka Leopold Hakizimana, yagiranye na BBC
Umugambwe CNL usaba kuronswa ibibanza "biwukwiye" mu mugwi ujejwe amatora mu Burundi

Mu Burundi umugambwe CNL utavuga rumwe na leta, wipfuza ko wohabwa ibibanza bikwiye igihagararo cawo, mu nzengo z'umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora yo mu 2025, mu ntara no mu makomine.

Ivyo biri mw'itangazo uwo mugambwe wasohoye ku munsi w'ejo, aho werekana impungenge ufise kubera ubuke bw'ibibanza wahawe muri izo nzego.

Nina Iradukunda yavuganye n'umunyamabanga mukuru wa CNL, umushingamateka Leopold Hakizimana, atangura amubaza ivyo batashimye (umva ico kiganiro aho hejuru).