Fox News yatangaje ko Trump yibwe amajwi yaciwe miliyoni $787.5

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri iyi ngingo yo ku munota wa nyuma, imbere y’urubanza rwari rutegekanijwe, ico kigo c’itangazamakuru cemeye indishi ya miliyoni z’amadorari 787.5 (£ 634 000 000) – n’ukuvuga ica kabiri c’ayo Dominion yari yasavye, agera ku madorari miliyaridi 1.6.
Dominion iremera ko ubutunzi bwayo bwagizweko ingaruka n’ico yise gukwiragiza ibinyoma kwakozwe na Fox News ko Donald Trump yibwe amajwi.
Uwo mwumvikano utuma abategetsi ba Fox nka Rupert Murdoch birinda kuja kwisigura.
Ntibigikenewe ko umucamanza arinda gutanga uburenganzira kuri ico cemezo.
Ku munsi wa kabiri, Fox yamenyesheje ko kwitanga imbere iki kirego, kimwe mu bindi iregwa bijanye no gutyoza, igashika ku mwumvikano kitaragera imbere y’intahe, ari ikimenyetso c’ubwitange bwayo bwo kuguma ku ruregero rwo hejuru rwo ‘kuba inyankamugayo’ mu mwuga w’itangazamakuru.
Itangazo rya Fox ryongerakwo ko, ico kigo c’itangazamakuru cemeye ivyashinzwe na sentare, ariko atagusigura mw’ido n’ido, ko ivyavugwa kuri Dominion atari ukuri.
Umuyobozi nshingwabikorwa wa Fox, John Poulos, yavuze mu kiganiro yahaye abanyamakuru ko uwo mwumvikano warimwo ‘kwemera ko batangaje ibinyoma, bigatuma ‘ikompanyi yiwe ibangamirwa cane’.
Justin Nelson, umunyamatageko wa Dominion, yabwiye abanyamakuru ko “ukuri ari nkenerwa cane”.
Yagize ati: "Ibinyoma bifise ingaruka”, ati kandi "Ikinyoma camaze imyaka ibiri kiyogoza ikigo Dominion no mu bategetsi bajejwe amatora hirya no hino muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, aho cakwiragijwe nk’ukuri ku bintu vyihishe, bigatuma haba ingaruka kuri Dominion no ku gihugu”.
Bwana Nelson yongeyekwo ko "kugirango demokarasi irame", Abanyamerika bategerezwa "guhurira ku kwihatira gukoresha ukuri n’ibintu bifadika”.
Imburano zabwirizwa gutangura kuri uyu wa kabiri, inyuma y’umutaga.
Igitigiri c’ayo mafranga yacunguye Fox News catangajwe inyuma y’amasaha menshi.
Bimaze gutangazwa ko umugwi wariko wihweza ico kirego watevye, ivyatumye hagira abakeka ko hari ibiganiro vyari bikibandanya mu mwiherero.
Ku munsi wambere, umucamanza mukuru muri sentare ya Delaware, Eric Davis, yatangaje ko urubanza ruja kwunguruzwa amasaha 24 kw’isango rwari rwahamagariwe gutangurirako.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Naho atatangaje impamvu, ibigo vy’itangazamakuru rya Amerika vyavuze ko kwari ugushaka guha impande zompi akaryo ko kwumvikana.
Mu gitondo c’uwa kabiri, ariko, impande zompi zasa n’iziriko zironderana umwete ku rugofera.
Abashingwamanza ba Fox bakomeje kubuza ko hatangwa indishi ya miliyaridi z’amadorari 1.6 y’indishi, yaronderwa n’ikigo Dominion co muri Colorado, aho bavuze ko ico gitigiri cadugijwe cane.
Fox yavuze ko “igiciro nyakuri” muri ayo matati, cari kuba uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro n’ubw'itangazamakuru “bwitwararitswe cane” bwashimangiwe mw’ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro rya Leta zunze Ubumwe za Amarika.
Abanyamategeko ba Dominion bavuze ko igisenge c’abagendera ku matwara y’ivyiyumviro bidakunda amahinduka, bacafuje izina ry’ico kigo gihingura ivyuma vyifashishwa mu gutora mu buryo bw'ikoranabuhanga (electronic), mu gutangaza ibinyoma ko mu matora yo mu 2020 uwahoze ari perezida Donald Trump yariko aribwa.
Bwana Trump, yagavye ibitero vy’amajambo kuri ico kigo, inyuma y’amatora, aho yavuze ata vyemezo atanze ko amatora yibwe mu nzira yo kwegurira intsinzi Joe Biden.
Uwo mugwi w’abanyamategeko, wavuze ko kimwe mu vyatumye batanga ayo makuru y’ibinyoma, kwari ukugirango amakuru yabo ahurumbirwe n’abari bashavujwe no kubona Fox itangaza mw’ijoro ry’umunsi w’amatora ko Joe Biden, uwo bari bahanganye na Trump, ariwe yatsinze amatora muri leta ya Arizona.
Babiri mu bategetsi bo muri Fox bari bajejwe gufata iyo ngingo yo gutangaza ivyavuye muri Arizona, baciye batakaza akazi inyuma y’amezi abiri.
Ivyatohojwe n’abanyamategeko vyatangajwe imbere y’urubanza, vyerekana ko hari abakuru muri Fox hamwe n’abanyamakuru basanzwe bari bagize amakenga bakabaza mw’ibanga kandi ntibemere ivyitwa ko biriko birakorwa mu kinyegero bijanye no kwiba amatora ya 2020, ariko bigatangazwa ku mugaragaro.
Impapuro zo muri sentare zerekana ko bwana Murdoch we nyene yavuze ko ivyavugwa kuri Dominion vyari, mu majambo yiwe, ‘ubusazi vy’ukuri’ ariko ntiyagira ingingo n’imwe afata.
Mu rukurikirane rw’ubutumwa bwahanahanywe, abari abatumire barabwe n’abakunzi benshi ba Fox, barimwo Tucker Carlson, bwarimwo ko ivyavugwa kuri Dominion vyari ‘ ubupfu’. Hari uwundi mutumire Sean Hannity, yavuze mw’ibanga ko atashobora kuvyemera “n’akanya kangana umusegonda umwe.”
Fox ivuga ko ayo majambo yafashwe ukutariko kuko yakuwe mu bindi vyari vyavuzwe no mu gihe vyavugiwe.
Imbere y’ urubanza, umucamanza Davis yashinze ko ivyavuzwe kuri Dominion vyamaze kugaragara ko atari vyo, ashimangira ko bigaragara “ata gukekeranya ko atari vyo na mba”.
N’ubwo harishwe itimbi ry’amafranga, abahinga mu mategeko bemeza ko uwo mwumvikano wabaye inzira nziza kuri ico kigo c’itangazamakuru.
Umwigisha wa Kaminuza ya Syracuse, akaba n’umuhinga mu ibwirizwa nshingiro, Roy Gutterman yavuze ati : "Imburano zari kumara amayinga atandatu zari kuba umuruho ku mpande zompi ziri muri uru rubanza, kandi vyari kumaramaza Fox.
Ati: "Ariko gutsindwa n’urubanza bwite kuri Fox vyari no kugira ingaruka zirengeye ikiguzi c’indishi, bikagira n’ingaruka zikomeye, n’inkurikizi ku zindi manza kw’idodobereza no kw’itegeko rigenga ubwisanzure bwo gushikiriza ivyiyumviro n’iry'itangazamakuru ubwaryo”.
Iyo urwo rubanza ku kirego co gutyoza Dominion ruja mu mburano, abashingantahe bari gusabwa kurondera kumenya nimba, Fox News yarakoze mu ‘mayeri ishaka kudodobereza' mu gutangaza amakuru y’ibinyoma kandi ibizi ko atari yo.
Umunyamategeko ajejwe imanza z’amatati Michelle Simpson Tuegel, yabwiye BBC ko ikiguzi c’uwo mwumvikano kigaragaza impungenge Fox yabonye muri uru rubanza.
Tuegel yagize ati zobaye "ingaruka zo gutakarizwa icizere, kubona abategetsi b’ico kigo c’itangazamakuru, barimwo n’umukuru waco, Rupert Murdoch, ndetse n’abatumire, bumvikana ku guhagarara muri uwo murongo wo gutangaza ibitari ukuri".
Fox iracarindiriwe n’urundi rubanza, nk’urwo nyene rwo gutyoza, ruraba ikindi kigo c’ubuhinga Smartmatic, naco kirondera indishi y’akababaro igera kuri miriyaridi 2.7 z’ama dorari.
Dominion nayo isigaranye amatati n’ibindi bigo vy’itangazamakuru, OAN na Newsmax.
Ico kigo careze kandi abayoboke ba Trump, nka Rudy Giuliani, Sidney Powell na Mike Lindell.










