'Ivyo Amnesty International yanditse ntibisa n'ibiri ku rubuga mu Burundi' - Gatoni Rosine avugira prezida
'Ivyo Amnesty International yanditse ntibisa n'ibiri ku rubuga mu Burundi' - Gatoni Rosine avugira prezida
Gatoni Rosine Guilene avugira umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ariyamiriza ibiri mu cegeranyo c'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw'isi Amnesty International kivuga ko reta ituratuza abaharanira agateka ka zina muntu n'abamenyeshamakuru.
Uwo muvugizi avuga ko ivyo iryo shirahamwe ryandika ata co bisa bisana n'ibiri ku rubuga.
Gatoni avuga ko uburenganzira bw'abantu bw'ubahirijwe kandi ko n'abashikanwa imbere y'ubutungane baba abenegihugu basanzwe canke abameyeshamakuru, baba ari abarenze ku mategeko.

Ahavuye isanamu, GATONI ROSINE GUILENE