Ni iki gitera gari ya moshi zo mu Buhindi kuguma zita inzira?
- Umwanditsi, Soutik Biswas
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu Buhindi
Haracari ibibazo vyinshi bitagira inyishu ku cateye impanuka ya gari ya moshi nyinshi mu Buhindi ku wa gatanu ku mugoroba igahitana abantu nibura 288 nabo abarenga 800 bagakomereka.
Iyo mpanuka yabaye ku magari ya moshi atatu harimwo abiri atwara abantu n’iyindi itwara ibintu hafi y’igituro gito co mu ntara ya Odisha nk’uko amakuru abivuga.
Imwe muri izo zitwara abantu yasetse iyitwara imizigo, ibice vyayo bimwe bca bijabuka mu yindi nzira, bituma iyindi yariko iraza ita inzira.
Icegeranyo ca mbere kivuga ko impanuka yatewe n’itara ry’ikimenyetso ritakoze neza.
Ariko amatohoza akwiye niyo azokwerekana imvo nyayo yatumye haba iyo mpanuka. Ico bikoze yavyuye amakenga kw’ireme ry’inzira za gari ya moshi um Buhindi.
Ubuhindi buri mu bihugu vya mbere bifise inzira za gari ya moshi nyinsi cane kw’isi -zicamwo miriyoni 25 z’abantu buri munsi ku mayira akwiye igihugu cose ku birometero birenga 100.000.
Hariko haraba ibikorwa vyinshi vyo gushira zimwe muri izo nzira ku rugero rwa none kugira zicemwo gari ya moshi zinyaruka gahati y’ibirometero 100 gushika ku 160 kw’isaha.
Ariko guta inzira n’ubu kiracari ikibazo gikomeye nk’uko bivugwa na Vivek Sahai, yigeze kuba umukuru w’ibiro nshingwantwaro vy’urwego rw’amagari ya moshi.
Avuga ko gari ya moshi ishora guta inzira ku mvo zitandukanye –‘’inzira ishobora kuba idakorerwa ibikenewe ngo igume imeze neza, gari ya moshi -canke igice cayo – ishobora kuba ifise akanenge, canke hakaba ikosa mu gutwara’’.

Ahavuye isanamu, Reuters
Icegeranyo ca reta kw’ireme ry’inzira z’amagari ya moshi mu 2019-20 gisanga guta inzira kwateye 70% vy’amasanganya, umwaka w’imbere yahoo vyari 68%.
Icegeranyo caharuye impanuka zo guta ibirabara 33 za gari ya moshi zitwara abantu na 7 zitwara imizigo muri uwo mwaka wihwejwe. 17 muri uko guta inzira kwatewe n’utunenge tw’indarayi -hashobora kuba harimwo kumanyuka cankek kuyama kw’izo ndarayi.
Amasanganya icenda yonyene niyo yatewe n’utunenge twa gari ya moshi -imoteri, ivyumba – ku bw’ico cegeranyo.
Indarayi – zigizwe n’ivyuma, ziragaguka mu mezi y’ici hanyuma zikitera mu gihe c’ubukonje kubera ihindagurika ry’urugero rw’ubushuhe. Zikenera kwama ziriko zirakazwa [mu materaniro] no gusubirizwa, igenzurwa naryo rigakorwa buri igihe. Ku zinyaruka ku muvuduko uri hagati ya 110km na 130km bisabwa ko rikorwa nibura rimwe mu mezi atatu.
Ariko icegeranyo c’abahinyuza ko ibikenewe bikorwa neza hagati y’ukwezi kwa kane mu 2017 n’ukwa gatatu mu 2021 gisanga hari vyinshi bitakozwe uko vyari bitegekanijwe harimwo kutagenzura ko indaraye zimeze neza, kutitaho indaraye ngo zigume zimeze neza, hamwe n’imvo za ‘mekanike’.
Gutwara [kugendesha] nabi navyo biri mu bindi vyatuma gari ya moshi zita inzira.
Hamaze kuvugwa vyinshi ku twuma two kwirinda gusekana twoshirwa kuri gari ya moshi z’Ubuhindi, ariko ubu honyene niho turiko turashirwa ku nzira zibiri zikomeye -hagati ya Delhi na Kolkata (Calcutta) hamwe no hagati ya Dehli na Mumbai – ku bw’umwe mu bategetsi b’urwego rwa gari ya moshi.
Nta wuzi ko ubwo bihinga hari ico bwari gufasha mu mu kubuza impanuka nk’iryo ku wa gatanu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 2010, abantu berenga 150 barapfuye igihe gari ya moshi itwara abantu yata inzira hanyuma igasekana n’iyitwara ibintu yariko iraza muri West Bengal. Ico gihe abakoze amatohoza bavuze ko abitwaje ibigwanishio b’aba Maoist bari bakoze igikorwa co gutoba bituma iyo gari ya moshi Kolkata-Mumbai ita inzira, ivyumba vyayo 5 vyirasa mu yindi nzira y’iyitwara imizigo yariko iraza. Ariko nta uwuravuga ko hari ugutoba kwoba kwarabaye mu mpanuka yo ku wa gatanu.
Icegeranyo kivuga ko abategetsi muri ico gisata bahagaritswe umutima n’ukwiyongera kw’izo mpanuka, kandi ko basavye umuyobozi mukuru gusuzuma neza ‘’amasaha menshi y’akazi k’abakozi na cane cane ku mayira ya East Coast Railway na South Coast Central Railway, hanyuma hafatwe ingingo zo gukorosora vyihuta’’.
Impanuka yo ku wa gatanu yabereye mu karere k’uruja n’uruza rwinshi rwo kuri East Coast Railway.











