Ales Bialiatski: Uwatsindiye agashimwe k'amahoro ka Nobel ni nde?

Ahavuye isanamu, Facebook
Ales Bialiatski n’umunya-Belarus azwi cane mu kugwanira agateka ka zina muntu, ubu apfunzwe ata rubanza yaciriwe.
Uwo mugabo w’imyaka 60 niwe yashinze ikigo co guharanira agateka ka zina muntu citwa Viasna, catanguye mu 1996 inyuma y’ihashwa ry’imyiyerekano yo mu mabarabara n’umutegetsi w’igitugu wa Belarus Alexander Lukashenko.
Viasna catanze ubufasha ku bari mu myiyerekano bari bafashwe bagapfungwa no ku miryango yabo, gikora amatohoza ku kuboreza igufa (iyicarubozo) abapfungiwe poritike bakorerwa n’abategetsi ba Belarus.
Umukuru wa komite yo muri Norvege itanga agashimwe ka Nobel Berit Reiss-Andersen yavuze ko “yihebeye guteza imbere demokrasi n’iterambere ry’amahoro mu gihugu ciwe” igihe yariko aratangaza batatu batsindiye ako gashimwe k’amahoro uyu mwaka.
Bialiatski – asanzwe yari amaze kuronka utundi dushimwe twinshi mpuzamakungu – yamaze imyaka itatu apfunzwe inyuma yo kwagirwa n’ivyaha vyo gukwepa kuriha amakori, ivyaha yagumye ahakana mu 2011.
Yerekuwe mu 2014.

Ahavuye isanamu, Ales Bialiatski/Facebook
Yasubiye gupfungwa mu 2020 inyuma y’imyiyerekano ikomeye cane kubera ico abatavuga rumwe na reta bise amatora yibwe muri Belarus bigatuma Lukashenko aguma ku butegetsi.
Madame Reiss-Andersen yagize ati: Abategetsi ba reta bagumye barondera buri igihe gucecekesha Ales Bialiatski”.
“N’ubwo ubwiwe yagumye ahura n’amagume akomeye, Bialiatski ntiyigeze adohoka na gato ku rugamba rwiwe rwo kurwanira agateka ka zina muntu na demokrasi muri Belarus.”
Imbere gato y’uko afatwa haraheze imyaka ibiri, Bialiatski yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko abategetsi ba Belarus “bakora nk’uko umenga n’intwaro yaje kwigarurira igihugu”.
“Ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu bagize imyiyerekano mu gihugu cose, kandi amajana n’amajana [muri bo] barapfunzwe.”
Ingene amagara ya Bialiatski yifashe ubu ntibizwi.
Lukashenko – afatwa mu bihugu vy’iburengerazuba nk’umunyagitugu wa nyuma w’i Buraya- atwaza umukazo Belarus kuva mu 1994.
Yemereye umukuru w’Uburusiya Vladimir Putin, basanzwe bacuditse cane, gukoresha ubutaka bwa Belarus mu kugaba ibitero vya misire vyishe benshi muri Ukraine no mu kurungika ingabo z’Uburusiya zo ku butaka n’ibiduga vy’intambara muri ico gihugu kuva ku munsi wa mbere Uburusiya butera ku wa 24 Ruhuhuma (ukwezi kwa kabiri).
Hamwe na Bialiatski, ikigo co muri Ukraine giharanira agateka ka zina muntu Center for Civil Liberties (CCL) naco kiri muri batatu batsindiye ako gashimwe.
Ako gashimwe kahawe kandi ikigo co mu Burusiya c'ageteka ka zina muntu Memorial - cugwawe n'abategetsi uyu mwaka.










