Imvo n'imvano ku biganiro vy'amahoro muri DR Congo
Mu kiganiro c’uyu musi, tuganira ku nama bamwe bavuga ko yari rukokoma, canke ibiganiro vyari bifise intumbero yo kuronderera inyishu ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.
Intumwa zirenga 200 zari zaserukiye imigwi yitwaje ibigwanisho, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politique hamwe n’abarongoye abandi mu mibano, baturutse mu ntara za Kivu y’Epfo, Kivu ya Ruguru, Maniema, Ituri hamwe na Tanganyika zamaze hafi indwi yose i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya.
Ivyo biganiro vyari biyobowe n’uwari perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta, Umuhuza w’ishirahamwe ry’akarere k’ubuseruko bwa Afrika mu matati y’abanye Congo.
Ivyo biganiro vyatanguye bitanga icizere c’amahoro kubera ukuntu vyitabiriwe n’abakuru b’ibihugu b’akarere, ari vyo Kenya, Uganda, Urwanda, Uburundi na RDC.
Prezida William Ruto na prezida Evariste Ndayishimiye bari i Nairobi, mu gihe prezida Felix Tshisekedi wa Congo, Paul Kagame w’Urwanda na Yoweri Museveni wa Uganda bavyitabiriye bakoresheje ubuhinga bw’itumatumanako bwa Skpe. Bose bahurije kw’ijambo rimwe ry’amahoro muri Congo.
N’aho imigwi yitwaje ibigwanisho igera kuri 50 yari yaserukiwe muri ivyo biganiro hari n’iyitahageze kubera muri Congo havugwa imigwi yitwaje ibigwanisho irenga ijana.
Igiteye amakenga gusumba, n’uko icatumye iyo nama n’izindi nk’iyiherutse kubera i Luanda muri Angola ziba, n’uko umuhari wa M23 umaze imisi utana mu mitwe n’igisirikare ca Congo utatumiwe.
Gushika ubu, reta ya Congo iracavuga ko M23 ari umuhari witwaza iterabwoba ushigikiwe n’igihugu c’Urwanda, ariko Urwanda rurabihakana.
Nta nkeka ko uwo muhari ar iwo ufise inguvu gusumvya iyindi uravye ingene wigaruriye igice kinini ca territoire ya Rutshuru, aho mbere umaze gushinga n’ubutegetsi.
Kubera izo nguvu uwo muhari ufise n’ivyo wagirizwa, inama y’abakuru b’ibihugu yabereye iLuanda muri Angola itariki 23 z’ukwezi guheze, muvyo yategetse kugira amahoro agaruke muri ako karere, n’uko M23 ishira ibigwanisho hasi no kuva mu turere twose yigaruriye inyuma y’itariki 23 z’ukwezi kwa 11 mu mwaka uheze.
Ariko kandi ntawokwirengagiza agatotsi gasa n’akari kagiye kwonona ivyo biganiro, aho intumwa zari zihagarariye abanyamulenge bo mu muhari wa Twigwaneho zatangaza ko zivuye mu biganiro biyamiriza ico bavuze ko ari ibitero vyabagizweko bikozwe n’imihari irimwo Biloze Bishambuke, kandi bakabikora bose bahwaniye mu biganiro. Ariko intumwa za Biloze Bishambuke zarabihakanye.
Inyuma y’imisi indwi y’ibiganiro, izo ntumwa zakorera mu migwi, ku musi wa kabiri itariki 6, zarahuriye mu nama rusangi mw’ihoteli ya Safari Park, aho zatanze imyanzuro zumvikanye mu nzira yo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo.
Hari vyinshi vyemejwe, harimwo ko imigwi yitwaje ibigwanisho igiye kubishira hasi bakaja mu mugambi wo gusubizwa mu buzima busanzwe. Ikindi n’uko basavye ko imigwi yitwaje ibigwanisho y’abanyamahanga iva ku butaka bwa Congo imbere y’uko na bo bashira ibigwanisho hasi.
Iyi mvo n’imvano iragerageza gusesengura amahigwe ingingo zafatiwe muri ivyo biganiro zifise mu kubera kuvyo zigamije. Ishirwa ku ruhande kwa M23 ntigushobora kuburizamwo icizere c’amahoro? Bizogenda gute ngo imihari yitwaje ibigwanisho yo mu bindi bihugu ive ku butaka bwa Congo? Bizogenda gute kugira ibihugu vya Congo n’Urwanda bisubirane umubano mwiza?
Iki kiganiro mwagiteguriwe na Cyriaque Muhawenayo

Ahavuye isanamu, EAC