Imvo n'Imvano: Imyaka 20 CNDD-FDD imaze ku butegetsi mu Burundi yamaze iki?
Ikiganiro c'uyu musi cerekeye imyaka 20 irangiye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi.
Uwo mugambwe washikiriye ubutegetsi itariki 20 z'ukwezi kwa Ruheshi(6) 2005, abawugize bamaze imyaka ibiri bashize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara.
Kuva Uburundi bwikukira ubaye umugambwe ugira kabiri urambiye ku butegetsi inyuma ya UPRONA yabumazeko imyaka irenga 30.
CNDD-FDD ivuga ko muri iyo myaka 20 yavyuye igihugu cari carafutanye mu bisata vyose vy'igihugu, uhereye ku kugarukana amahoro, gutsimbataza ubumwe n'iterambere.
Uwo mugambwe uvuga kandi ko ubu abantu bishira bakizana kandi bagashikiriza ico biyumvira ata gutinya
Ariko iyi myaka ikwiye igihugu kiri mu bukene budasanzwe bw'amafaranga y'agaciro akenewe mu kugura ivyo Uburundi bukenera hanze na cane cane igitoro.
Ni kimwe mu vyo abatavuga rumwe n'uwo mugambwe bafatirako bavuga ko ibintu vyayangaye. Bavuga ko CNDD-FDD iriko iratsimbataza intwaro y'umugambwe umwe aho uwutavuga rumwe na wo atagira ikibanza n'ijambo, ubutunzi bw'igihugu buteye ahatemba, kurya ibiturire na ka mpinga yanje ari vyo biranga intwaro yawo. Ngo hari kandi n'ubumenyi bugenda bugabanuka mu mashure.

Ukuri kuri hehe? Ni vyo koko CNDD-FDD igejeje Uburundi ku ntambwe ishimishije? Abantu barashikiriza ivyiyumviro vyabo ata bwoba? Ubutunzi bwarongerekanye ugereranije n'imbere ya 2005?
Ibi bibazo ni bimwe muvyo tugiye guca hirya no hino, muri kino kiganiro c'imvo n'imvano mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Abatumire turi kumwe muri studio za Maison de la presse I Bujumbura mu Burundi ni:
Leonce Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu, akaba yaranarongoye inama nshingamateka imyaka itari mike
Jean de Dieu Mutabazi yigeze kuba umushingamateka, ubu akaba arongoye umugambwe RADEBU
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abantu guhindura ingendo n'ivyiyumviro
Hamwe rero na Francois Xavier Ndaruzaniye arongoye ishirahamwe Izere Ntiwihebure riharanira uburenganzira bwa muntu

Ahavuye isanamu, Getty Images