Ubwato bwa Mozambike butwaye gaz bwerekeje i Buraya ubwa mbere

A Ship

Ahavuye isanamu, Mozambique presidency

Igihugu ca Mozambique catanguye gushora mu makungu gaz ku ncuro ya mbere, ivyo prezida w'ico gihugu Filipe Nyusi yavuze ko ari imbonekarimwe.

Iyo gaz yimbwe mu mazi na kompanyi y'Ubutaliano Eni, ariko kompanyi y'Ubwongereza ya BP ni yo ifise uburenganzira bwo kuyicuruza.

Iyo gaz yajanywe i Buraya n'ubwato butwara imizigo bw'Ubwongereza, ariko aho izoshikira nyaho ntihazwi.

Iyo gaz irungitswe mu gihe Uburaya buriko burarondera ahandi bwoza burayikura, ubona ko buriko burarondera kutaguma buzeye inze ku Burusiya.

Mozambike ifise icizere co kuba kimwe mu bihugu bikomeye bishora gaz, inyuma y'aho bayitoreye mu buraruko bw'intara ya Cabo Delgado mu 2010.

Ariko ibikorwa vyo kuyicukura vyarahuye n'inzitizi z'intambara y'imyaka itanu y'abitwaza idini rya Islam yahitanye ubuzima bw'abantu ibihumbi 40, isiga abandi ibihumbi amajana n'amajana batagira aho bakika umusaya.

Reta yizeye ko itorwa ry'iyo gaz rizoza gusahiriza ubutunzi, ariko Nyusi yavuze ko Mozambike ishobora kubandanya gushira inguvu "ku bikorwa vyari bihasanzwe", nk'uburimyi, uburovyi, ingenzi mu gushika kw'iterambere.