Reta ya Sudani y'Epfo irahakana ko Uganda yarungitse umurwi w'ingabo zidasanzwe i Juba

Ahavuye isanamu, UPDF
- Umwanditsi, Farouk Chothia
- Igikorwa, BBC News
Reta ya Sudani y'Epfo irahakana amakuru avuga ko Uganda yarungitse ingabo zidasanzwe gufasha gucungera umugwa mukuru w'ico gihugu, Juba.
Umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba yatangaje ejo ku wa kabiri ko izi ngabo zagiye muri ico gihugu kibanyi gufasha Perezida Salva Kiir "gucungera" ico gisagara.
Itangazo rya Jenerali Kainerugaba ryaje mu gihe icuka kibi kiriko ciyongera hagati ya Kiir n'icegera ciwe Riek Machar, bigatera ubwoba bw'uko amasezerano y'amahoro acumbagira ashobora gusenyuka hagasubira kwaduka intambara.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Jenerali Kainerugaba avuga ko igikorwa cose co kurwanya Kiir "ari ugutangaza intambara kuri Uganda. Abakora ico caha bose bazomenya ico ari co".
"Tuzokingira igihugu cose ca Sudani y'Epfo nk'uko yoba ari rwacu", niko yanditse ku rubuga rwa X.
Mu butumwa bwo kumenyesha ko ingabo za Uganda zamaze gushika muri Sudani y'Epfo, yanditse ati:
"Abakomando ba UPDF bashitse i Juba gufasha ingabo za Sudani y'Epfo (SSPDF) mu bibazo bihanze iki gihugu muri kino gihe. Igikorwa [ciswe] 'Mlinzi wa Kimya' camaze gutangura".
Reta ya Sudani y'Epfo ntaco yashotse ishikiriza kuri ibi vyatangajwe n'umukuru w'igisirikare ca Uganda mu gitondo c'ejo ku wa kabiri, ariko mu masaha yitereye umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Michael Makuei yabwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko ata ngabo za Uganda ziri i Juba.
Felix Kulaigye, umuvugizi w'igisirikare ca Uganda, yabwiye BBC ati: "Ni ukuri, twarungitse [ingabo] i Juba", ariko yaranse gutanga izindi nsiguro.
Impungenge zibandanya ziyongera ku mutekano wa Sudani y'Epfo, mu gihe na Reta Zunze Ubumnwe za Amerika ku wa gatandatu zategetse ko abakozi bayo badakenewe cane batahukanwa.
Mu ndwi iheze, icegera c'umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare n'abashikiranganji babiri - bose bakaba ari abashigikiye Machar – barahagaritswe n'inzego z'umutekano, umuvugizi w'abatavuga rumwe na reta akavuga ko ari "ihonyangwa rikomeye" ry'amasezerano y'amahoro.
Umwe muri aba bashikiranganji aramaze kurekurwa.
Ihagarikwa ry'aba bategetsi ryaje inyuma y'imishamirano yadutse mu ntara ya Upper Nile hagati y'ingabo za reta n'umurwi witwara gisirikare uzwi nka White Army.
Mu gihe c'intambara yo hagati mu gihugu mu 2013 inyuma y'imishamirano yadutse hagati ya Kiir na Machar, uno murwi wari ku ruhande rwa Machar.
Iyi mishamirano yateje intambara zikomeye i Juba, igihe Kiir yagiriza Machar ko yariko ategura gutembagaza ubutegetsi.
Machar yarahakanye ivyo yagirizwa, ariko Sudani y'Epfo ico gihe yaguye mu ntambara yo hagati mu gihugu yahitanye abantu barenga 400.000.
Amasezerano yo mu 2018 yo gusangira ubutegetsi hagati y'izi mpande zibiri yahagaritse intambara, ariko ibice nyamukuru vyayo ntibirashirwa mu ngiro - harimwo ibwirizwashingiro rishasha, amatora no gushira hamwe imirwi yitwaje ibirwanisho kugira ngo habe igisirikare kimwe.













