Dani Alves: Uwahoze ari umukinyi wa Brezil yahamijwe icaha co gusambanya ku nguvu mu butambiro

Dani Alves

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Dani Alves yahagaritswe ubwa mbere mu kwa mbere mu 2023 kuva ico gihe akaba apfunzwe arindiriye urubanza

Sentare yo muri Espagne yahamije icaha co gusambanya ku nguvu umugore mu nzu y'ubutambiro uwahoze ari umukinyi wa Barcelone na Brezil, Dani Alves.

Yaciriwe umunyororo w'imyaka ine n'igice.

Uwo mugabo w'imyaka 40, umwe mu bamaze gutahukana ubushimwe bwinshi mu bakinyi b'umupira w'amaguru, yarahakanye ko yasambanije ku nguvu uwo mugore mu masaha ya kare cane y'itariki 31 z'ukwezi kwa Kigarama (12) mu 2022.

Uwumuburanira yari yasavye ko yezwa, anavuga ko ashobora kwunguruza.

Uwuburanira uwakorewe icaha yashimye urwo rubanza, avuga ko "rwemeje ivyo twari dusanzwe tuzi: ukuri [nk'uko kuvugwa] ku wagiriwe icaha n'ububabare yagize."

Uretse gucira urubanza Alves rwo gupfungwa imyaka ine n'igice, sentare kandi yavuze ko ategerezwa kumara n'iyindi myaka itanu y'igihano ariko atari mu munyororo.

Ubushikirizamanza bwari bwamusabiye gupfungwa imyaka icenda. Muri Espagne, icaha co gusambanya ku nguvu gikorwako amatohoza nk'uwagirizwa ihohoterwa rifatiye ku gitsina, kandi ibihano bishobora gutuma upfungwa hagati y'imyaka ine na cumi n'itanu.

Inkuru zitangwa n'ibinyamakuru vyo muri Espagne zivuga ko sentare yanishimikije ingingo Alves yafashe yo guha indishi y'akababaro uwakorewe icaha ingana na 150.000 vy'amafaranga y'ama euro, uko urwo rubanza rwocibwa kose, igihe yafata ingingo ku gihe yomara mw'ibohero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko sentare ntiyahaye agaciro ivyashikirizwa n'abamuburanira ko yohabwa igihano gito kubera yari yaborewe.

Umugore wiwe Joana Sanz w'imyaka 31, yavuze ko muri iryo joro, Alves yagarutse ku muhana wabo i Barcelone aboneka ko yaborewe, kandi ko yagenda aratsitara ku bintu vyo munzu imbere yo gushika ku gitanda.

Ariko sentare yavuze ko inzoga yari yanyoye atari zo zatumye agira iyo nyifato.

Abashingwamanza bavuze ko Alves n'umugenzi wiwe baguriye inzoga yitwa 'champagne' abagore bakiri bato batatu, imbere y'uko bakwegakwegera umwe muri bo mu kibanza c'iteka [VIP] c'ubutambiro, gifise n'akazu ka surwumwe uwo mugore atari azi.

Bavuga ko ari ico gihe yaciye acika igikoko, amuhatira gukora imibonano mpuzagitsina ku nguvu n'aho yaguma amusaba ko yomureka akagenda.

Alves yagumye avuga ko yari gushobora kugenda "iyo abishaka". Ariko sentare yasanze uwo mugore atari yemeye ko bahuza ibitsina.

Itegeko rya Espagne riherutse guhinduka mu guha agaciro kwemera ryise "Ego niyo yonyene ari ego."

Mw'itangazo, sentare yavuze ko hari ivyemeza atari ivyo uwakorewe icaha gusa yerekanye, vyerekana ko yafashwe ku nguvu.

Yavuze ko Alves " yasimbiye kuri uwo yitwaye aca amukubita hasi. Yaciye amusambanya ku nguvu ari nako yamubuza gusaganya kuko "uwitwaye yari yanse kandi yashaka kwigira".

Uwo mugore avuga ko uko gufatwa ku nguvu kwamuteye "guhungabana hamwe n'ubwoba", kandi ko umwe mu bagenzi biwe bari kumwe muri iryo joro, yasiguye ingene uwo mugore w'imyaka 23 yarize "ku buryo adahozwa" amaze kuva mu bwogero.

Alves apfunzwe vy'agateganyo kuva mu kwezi kwa mbere mu 2023, kandi yagiye arahindura imvugo incuro nyinshi.

Yabanje ubwa mbere guhakana ko atazi uwumwagiriza, hanyuma avuga ko bahuriye mu kazu ka surwumwe kandi ko ata cigeze kiba hagati yabo.

Hanyuma yarasubiye kandi arahindura uko ibintu vyagenze, avuga ko bahuje ibitsina bavyumvikanye.

Yagize ati: "Twese twararyohewe."

Alves yakiniye Barcelone incuro zirenga 400, atwara ibikombe vyo mw'ihiganwa ryo muri Espagne bitandatu na bitatu vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu gihe yamaze muri uwo mugwi. Yari kandi mu bakinyi ba Brezil bitavye inkino z'igikombe c'isi 2022.

Yaratahukanye ibikombe akina muri Seville, Juventus na PSG, akaba ari mubanye Brezil bamaze gukina inkino nyinshi mpuzamakungu, aho yakinye izishika 126.