Imvo n'imvano ku kibazo c’ibiyayuramutwe mu Burundi

Insiguro y'amajwi, Imvo n'imvano ku kibazo c’ibiyayuramutwe mu Burundi
Imvo n'imvano ku kibazo c’ibiyayuramutwe mu Burundi

Mu kiganiro c’uyu musi, tuganira ku kibazo c’ibiyayuramutwe mu Burundi. Ivyo na vyo bizwi ku mazina atandukanye. Urumogi, Fayilo, Busta, ibikete, Diazepa, Heroine na Cocaine…umuvango ico bita cocktail…..

N’aho ata matohoza arakorwa mu gihugu cose yo kumenya ibitigiri vy’abihereza ibiyayuramutwe, amashirahamwe akora mu gisata co kubirwanya, avuga ko igitigiri kigenda ciyongera, na cane cane mu bakiri bato.

Impamvu na zo nyene ziratandukanye, harimwo ubukene, ingeso, amaligala n’ubushomeri.

Ibisagara bitanu biza imbere y’ibindi birangwamwo abavyihereza benshi ni Bujumbura, Gitega, Ngozi, Muyinga na Rumonge.

Ikigo Nyumviriza ca ABMPD (Association Burundaise pour un Monde de paix sans drogue), rimwe mu mashirahamwe afasha abasinzikajwe n’ibiyayuramutwe bitandukanye, kivuga ko cakira abantu bari hagati ya 11 na 15 ku musi bacitura. Ico kigo catanguye mu 2021, kiramaze kuramura abarenga 40, muri bo hakaba harimwo abakobwa 18 ubu bafasha abandi mu kuvavanura n’ibiyayuramutwe.

Igihe twagendera ico kigo mu ntango z’ukwezi kwa kabiri uyu mwaka, twaraganiriye na bamwe muri bo baratubwira uko batanguye kunywa ibiyayuramutwe, ingorane vyabateye mu buzima bwabo no mu miryango, ingene bashoboye kubiheba, hamwe n’impanuro boha urundi rwaruka.

Iki kiganiro mukaba mwagiteguriwe na Cyriaque Muhawenayo.

Ibiyayuramutwe