Ubwenge bw'ubucurano (AI) muri "dance music": Aba DJ n'abahinyanyuzi bavyiyumvirako iki?

Nooriyah ariko aravuza umuziki
Insiguro y'isanamu, Nooriyah yabaye umuteramisha-biteramo (DJ) n'umuhinyanyuzi (producer) w'umuziki imyaka 8

Uri mu butambiro, umuziki urasamamirana n'amatara araca ibibatsi.

Uravye mu kazu bavugirizamwo umuziki ariko nta muntu n'umwe ahari kubera umuziki uvangwa n'ubuhinga bw'ubwenge bw'ubucurano (Artificial Intelligence).

Ubuhinga ngurukanabumenyi bwo kuvanga umuziki buguma butera imbere, uburyo bwahora bukoreshwa mu biteramo buragabanuka, izo zikaba ari impungenge z'abantu bamwe bamwe bakora mu gisata c'umuziki.

Ariko ni gute ubuhinga ngurukanabumenyi bwokuraho ukwiyumvanamwo kw'aba DJ n'isinzi ry'abantu barimwo gutamba?

Oya, mw'ijambo rimwe. Uravye neza, niko na Nooriyah abibona.

Ni DJ aba muri London, afise imyaka 28. Ateramisha abantu mu mihingo yose y'isi, rimwe rimwe hakaba hari isinzi ry'abantu rirenga mu bihumbi mirongo ine ryitabira ibiteramo.

Ubuhinga ngurukanabumenyi bw'ubwenge bw'ubucurano bwamyeho mu mwuga wiwe kuva kera, bumufasha kuvanga indirimbo bivanye n'umudiho wazo.

Ariko ubwo buhinga ntiburatwara akazi ka Nooriyah kandi arazi n'igituma.

"Kubera biragoye cane kwigana ukuntu twiyumvanamwo n'abo nteramisha mu muziki " niko avuga.

"Ibaze umuntu yaje mu butambiro ariko arandaba ndiko ndateramisha abantu, ambona mbira ivyuya kandi ntamba nkabo.

"Muri ako kanya barumva ingene twiyumvanamwo, ivyo AI idashobora."

Hannah avanga umuziki wa Rock na Base iyo ateramisha abantu
Insiguro y'isanamu, Hanna Rose
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hannah Rose yize guteramisha ibiteramo mu gihe ca Covid, ubu ariko araraba ko yobikora nk'akazi ka misi yose.

Bimusaba akazi kenshi ariko yarabonye ko bigabanya uburyo bwahora bukoreshwa mu gutegura ibiteramo muri ubu buzima buguma buzimba.

"Kuva COVID itera, harabaye impinduka zikomeye ku bantu basaba imiziki yavanzwe ku mbuga ngurukanabumenyi," niko avuga.

"Na cane cane iyo ari ibihugu vyo mu mahanga, badafise amahera yo kukuriha ngo uje kubateramisha mu kindi gihugu, ni inzira n'uburyo bworoshe bwo guteramisha abantu mutarinze kubonanira ahantu hamwe."

Hannah yarabonye ko amazu menshi y'ubutambiro yamaze gushirako icuma gifata amashusho yo gushira ku mbuga ngurukanabumenyi mu twumba bakoreramwo.

Afise impungenge ubu ko ivyo bizohava biba no ku mbuga ngurukanabumenyi.

"Barakoze ibintu vyinshi cane kugira baseshe ibishobisho vy'ibikorano vy'abantu ariko ukuntu ubwenge bw'ubucurano buriko burakora ibintu bishasha, birashobora kuzobangamira kazoza k'aba DJ," niko abandanya avuga.

Mu kwa gatatu kw'uyu mwaka, mu buseruko bwa London harabaye igiteramo cakozwe na AI gifise intumbero co kwegeranya ivyiyumviro bitandukanye, bamwe bavuze ko ''nta kanovera kari mu muziki kandi wari wumye".

Abantu bariko baratamba banezerewe mu giteramo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gutamba umuziki ni kimwe mu bintu mu Bwongereza bakunda ariko aba DJ nta ntererano ifatika babibonamwo

Haraho usanga abantu aribo ba DJ beza ariko abahinyanyuzi bo siko babibona.

Kugira abe umu DJ, Nooriyah yikorera umuziki wiwe.

Uburyo ahinyanyura umuziki bisaba gukoresha amajwi atandukanye akura ku mbuga ngurukanabumenyi imbere yuko aheraheza igikorwa ciwe. Igice ca nyuma nico kizamwo AI.

"Hariho ubuhinga bugera nko kw'icumi buvanga imiziki kandi ivyo birashobora gutwara akazi abahinyanyuzi."

Arifuza ko hobaho ibiganiro vyiza hagati y'abakora mu gisata c'umuziki n'abakora ubwenge bw'ubucurano.

"Ndibaza ko ingorane ihari ubu nuko hari ikiriko kirakorwa ata biganiro ku nkurikizi zizoba mu gisata c'umuziki."

Inyishu ni imwe, niko avuga, gutangisha amakori ku mahinguriro ya AI.

"Icambere, ni ugutevya isohorwa n'ubuhinga bwa AI, gutangisha amakora ku bazikora, gushira ayo mahera mu nyigisho nkarishabwenge z'abantu bazotakaza ubuzi bwabo kubera AI."

Phil Kear aravyemera. Akorana n'abaharanira agateka k'umuziki kandi atewe impungenge ko AI izotuma abantu bake aribo bazoshobora kuronka uburyo bwo kuriha abahinyanyura imiziki ikozwe n'abantu.

"Umuziki wa AI uzoba uzimbutse," niko avuga. "Kandi ndibaza ko abantu bazoshaka kuyikoresha, nk'amazu y'ubunywero."

Naho abivuga, inkurikizi zayo zizogera n'aho abantu babimenyera.

"Vyinshi bizoterwa n'ubushake abantu bazogira bwo kwemera AI canke akanovera k'umuziki AI izokora."

Ntiyiyumvira ko urudandazwa rw'umuziki ruzogirwako ingaruka kandi bigashira ahabona ko kahise k'umuziki ari akarere kari mu kaga.

"Kubera imiziki n'amareresi bica ku mboneshakure, ndibaza ko abantu bazotinda bakemera umuziki ukozwe na AI kubera ata muntu bizokwitirwa", niko avuga.

"Ndibaza ko nko mu mazu y'ubunywero no mu butambiro, baratanguye gushiramwo umutahe."

Nk'ibindi bisata vyinshi, igisata c'umuziki caramaze guhindurwa n'ubuhinga bwo ku rwego rwo hejuru.

Kuri Nooriyah, iri terambere ni rimwe.

"Umuziki wagiye uratera imbere ku buryo bwihuse mu bihe bitandukanye. Twavuye ku makaseti (tapes/cassettes) tuja kuri CD, tuva kw'iradiyo tuja ku mbuga ngurukanabumenyi, ku ntambwe imwe imwe harabaye guhungabana. Ibi ntaho bitandukaniye.

"Dukeneye gusa kwisubirako, tukamenya aho duhagaze kandi tukaroranya ibintu neza ku buryo dufatana mu mugongo aho gucika abansi."