Me-ow! Abanya-Kenya bakunda akayabu bahagaritswe umutima no kukarihira ikori

Ubuyabu mu rugo rwa Rachel Kabure (51) i Nairobi, Kenya ku wa 16, 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, “Purrents” - nk'uko abatunze utuyabu bitwa - bashobora no gusabwa gukurikirana inyifato yabwo
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Abakunda ubuyabu ku murwa mukuru wa Kenya baratewe umutima uhagaze n'ico babona gishora kuba ''ikori ry'akayabu'' - mu gihe ikintu cose kivuga ikori muri iki gihugu co muri Africa y'ubuseruko gitera kuvyura umugara.

Iyo nteguro yazanywe n'ubutegetsi bw'intara y'igisagara ca Nairobi bushaka ko ubuyabu bwose bwandikishwa na benebwo - bamwe bakaba bavuga ko ari akaga.

Vyosaba abatunze ubuyabu muri Nairobi kugura uruhusha rumara umwaka -rugurwa amafaranga 200 mu mashiringi ya Kenya (hafi 4000 mu marundi) hamwe n'icemeza ko ako kayabu kahawe urucanco rwo kugakingira ibisazi (rage/rabies).

Si ivyo gusa, kuko ''purrents''- nk'uko abatunze ubuyabu babita - boca bategerezwa kwitaho inyifato y'ubwo buyabu bwabo, kandi birazwi ko ubuyabu budakunda gutegekwa iyo buva n'iyo buja.

Ku bw'itegeko ry'igisagara ryo kugenzura no gutunga neza ibikoko, abatunze ubuyabu bategerezwa kwitwararika ko butayingira mu buryo buhungabanya amahoro y'ababanyi.

Bisabwa kandi kuguma bugaranye ubuyabu bwabo iyo burinze (kurinda: kuja mu gihe co gushobora kwima).

Integuro y'iryo tegeko igamije guteza imbere ukubaho neza kw'ubuyabu, ariko bamwe bamwe mu gisagara barakeneye kunyurwa.

Abanya-Kenya baheruka gutuma reta iheba integuro y'amafaranga ikoresha yarimwo amakori mashasha yagira aduzwe ku bintu bitari bike - none iyo nteguro y'igisagara ca Nairobi ibonwa nk'ipfa rya reta ryo kwongereza amafaranga yinjiza.

''Ubwa mbere yari amakori ku dukoresho two mu butinyanka, none ubu ni amakori ku batunze ubuyabu. Ndekera akayabu kanje!'' Niko Khadijah M Farah yanditse kuri X, afatiye ku nteguro y'amafaranga yahebwe.

Abanya-Kenya bamwe bamwe baribaza kandi ingene iyo ngingo ishobora kuzoshirwa mu ngiro, mu gihe hari ubuyabu bwinshi bwiyerereza canke bwatorotse aho bwahora buba.

Naomi Mutua, afise umugwi wa Fecebook w'abakunda utuyabu, yiyita we nyene ''nyina w'ubuyabu' bw'i Nairobi

Ahavuye isanamu, Naomi Mutua

Insiguro y'isanamu, Naomi Mutua, afise umugwi wa Fecebook w'abakunda ubuyabu, yiyita we nyene ''nyina w'ubuyabu' bw'i Nairobi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igitigiri c'ubuyabu mu gisagara - intare zo mu ruhongore kama rwa Nairobi zitarimwo - ntikizwi, ariko buraboneka ahabona cane: buyerera mu mayira, butembera mu mangazini, canke burondera ivyo burya mu mayarara no mu buriro.

Kwumva ubuyabu buyingira rimwe na rimwe birashobora guhungabanya agacerere k'ijoro, na cane cane mu gihe co gusenzanya.

Naomi Mutua, afise ubuyabu burenga 10 akiyita ''nyina w'ubuyabu'' bw'i Nairobi, yabwiye BBC ko abategetsi b'igisagara bari kuba babanje kuvugana n'abatunze ubuyabu, amashirahamwe atabara ibikoko hamwe n'imigwi y'abaganga b'ibikoko imbere y'uko bazana integuro y'iryo tegeko.

Afise umugwi wo kuri Facebook y'abantu 25.000 b'ababakunzi b'ubuyabu hanyuma akavuga ko gutegeka gutanga urucanco rwo gukinga ibisazi ari vyiza ariko akibaza ingene bizoshirwa mu ngiro.

Hafi abanya-Kenya 2.000 barapfa buri mwaka bishwe n'ibisazi batewe no kurumwa n'imbwa canke akayabu, ku bw'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

Ku bwa Mutua rero ishingiro ry'itegeko iryo ari ryo ryose ryari kubanza gushiraho ''ibikibuze mu vyo kwubahariza mu kwitaho ibikoko''.

Yibaza niba kwugarana akayabu karinze kwoba ari ''ukukabuza kuja mu bihe bisanzwe mu buzima bwako''.

Ubutegetsi bw'igisagara bugiye kuzobaza ico abantu bavyibazako - kuva kuri uyu wa gatanu.

Ababa mu gisagara bazoshobora gutanga ivyiyumviro vy'ico bibaza kuri iryo tegeko - bishobora gutuma haba izindi mpinyanyuro zokwigwa n'inama nshingamateka y'igisagara.

Ku bw'umukuru w'ishirahamwe rya Kenya ryo gukingira no kwitaho ibikoko (Kenya Society for the Protection and Care of Animals, KSPCA), Emma Ngugi, integuro y'iryo tegeko ije hageze mu gihe ukubaho neza kw'ibikoko ari ''ikibazo gikomeye'' mu gisagara.

Ariko, impusha, uko abibona, zishobora kuba atari yo nyishu kuko abantu bashobora kudashoka bemera ko ari bo bene ubuyabu.

Abantu bamwe bamwe bashobora guca birukana ubuyabu bwabo mu gihe bobahatira kuburihira, ivyo navyo bikaba vyoca vyica ico iryo tegeko ryashaka gushikako.

''Uzanye ico mu vy'ukuri ari ikori ku buyabu, bizoca bigora no ku mashirahamwe nk'iryacu gukorana n'ikibano kugira abantu bemere kubwitaho,'' niko yabwiye BBC.

Ngugi avuga ko hasanzwe hariho itegeko ku batunze imbwa naryo nyene ritubahirizwa kuko abantu benshi batazironderera impusha - harimwo n'abashoboye kuziriha.

Ku bw'iyo nteguro y'itegeko, abatunze ubuyabu batazoryubahiriza bazoba bakoze ikosa bashobora gucirirwa ibihano birimwo no gupfungwa.

Ariko benshi baritwengera kuko bibaza ko atawuzobikurikirana.

''Ubuyabu bw'i Nairobi ntibuguma hamwe. Ntushobora kuvuga ngo ubuyabu bw'i Nairobi ni rwawe,'' vyavuzwe n'umwe mu bari batumiwe mu kiganiro c'abakiri bato ku mboneshakure mu mpera z'indwi.

Akayabu katorotse

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gukonesha akayabu bishobora gusaba amafaranga angana n'umushahara w'ukwezi w'abanya-Kenya bamwe bamwe

Ariko umuyobozi wa KSPCA avuga ko ''igitigiri c'umurengera w'ubuyabu'' ari ikibazo gikomeye, ubufise ibisazi bukaba ari bwo bushobora kugeramira amagara y'abantu n'ibidukikije.

Yifuza ko hopfuma horoherezwa ababishoboye kuronka uburyo bwo kuvuza no gucandagisha ibikoko vyabo hakaba kandi no gukona ubuyabu bwose n'imbwa zose biyerera - mu gihe nk'amafaranga yo gukona akayabu, nk'akarorero, ashobora kungana n'umushahara w'ukwezi ku banya-Kenya bamwe bamwe.

''Ubwo ni uburyo bimaze kugaragara ko bukora ahandi hose kw'isi,'' niko avuga.