Uburusiya bushinze ijisho Trump ku mugambi wiwe wo kwigarurira Groenland

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Paul Kirby
Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) , Dmitry Peskov, avuga ko Uburusiya buriko bukurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda inyuma y'aho Donald Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yankiye guhagarika umugambi wo gukoresha inguvu za gisirikare kugira yigarurire Groenland isanzwe yegukira Danemark.
Peskov avuga ko Arctique ari akarere kirumara ku nyungu z'Uburusiya, kandi ko ari ngombwa ko aka karere kagira ituze n'umutekano.
Ivyashikirijwe na Trump ku bijanye na Groenland - akarere ka Danemark gafise urugero rutari ruto rw'ubwigenge – vyatumye abategetsi ba Buraya bagabisha kuri uno mugambi.
Umukuru w'igisata kijejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, Kaja Kallas, ashimangira ko "dutegerezwa kwubahiriza ubwigenge n'ubusugire bwa Groenland", mu gihe Olaf Scholz arongoye reta y'Ubudagi nawe atomora neza ko "kizira kikaziririzwa guhindura imbibe z'ibihugu ku nguvu."
Mu ntango z'ino ndwi, Trump yavuze ko Amerika ikeneye Groenland hamwe n'umugende wa Panama "ku mvo z'umutekano w'ubutunzi bw'igihugu", akaba yaranse guhagarika umugambi wo gukoresha inguvu za gisirikare canke iz'ubutunzi kugira ngo yigarurire utu turere twompi.
Yavuze kandi ko urubibe Amerika ihana na Canada ari "umurongo waciwe n'abantu". Danemark na Canada vyompi ni ibihugu vy'incuti za Amerika, kandi bikaba bihurira mu runani OTAN/NATO.
Dmitry Peskov avuga ko amajambo ya Trump araba Amerika, Danemark n'ibindi bihugu, ariko ko Uburusiya bukurikiranira hagufi amajambo yiwe "ateje ibibazo".
Agira ati: "Turi mu karere ka Arctique, kandi tuzogumayo".

Mu rugendo rwiwe i Paris mu Bufaransa, Antony Blinken asanzwe ariko ararangiza amabanga yiwe nk'umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, yagerageje gukuraho impungenge zitewe n'amajambo ya Trump: "Ico ciyumviro … biragaragara ko atari ciza, ariko ikintu nyamukuru kumbure, ni uko bigaragara ko ari ikintu kidashoboka".
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire David Lammy na we nyene aratesha agaciro ibivugwa na Trump, ariko akemera ko "uburemere bw'amajambo yiwe n'uko rimwe na rimwe ari mahindagu mu vyo avuga, bishobora guteza umudugararo".
Abantu bababa 56.000 ni bo baba muri Groenland, ariko kandi ni akarere gafise ibigo vya gisirikare vya Danemark na Amerika. kicaye kandi ku butunzi bwinshi bw'amabuye y'agaciro n'igitoro bitarashobora kwimbwa.
Umushikiranganji wa mbere wa Groenland Mute Egede abandanya asaba ko aka karere karonka intahe y'ukwikukira nubwo ubutunzi bwako buhagaze cane ku mfashanyo ya Danemark.
We be n'umukuru w'igihugu ca Danemark bashimangira ko aka karere atari ako "kugurisha" kandi ko kazoza kako kari mu minwe y'abanya-Groenland bo nyene ubwabo.
Umushikiranganji wa mbere wa Danemark Mette Frederiksen avuga ko ari ku nyungu y'iki gihugu yo kuba Amerika - "incuti yaco ya hafi cane " – itegerezwa kugira uruhara runini mu gihe icuka kibi kiba kiriko kiraduga mu karere ka Atlantike y'uburaruko, cane cane iyo harimwo n'Uburusiya.
Mu gihe ahanganye n'ingorane ikomeye mu bijanye n'imigenderanire, vyabaye ngombwa ko uno mupfasoni ahamagaza inama n'iyindi migambwe ku biro vyiwe ku mugoroba wo ku wa kane.
Inama nkuru y'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya ivuga ko ibivugwa naTrump ari "amajambo gusa" kandi ko ari "ibintu bitagira mvura", mu gihe atarashikira amabanga.
Ariko rero, riremeza ko Greenland, nk'akarere kari hanze y'umugabane wa Buraya, igengwa n'amasezerano y'ugutabarana asaba ibihugu vyose vy'Ubumwe bwa Buraya kuyitabara ari nka hamw yoramuka itewe.
Kremlin irasuzugura inyishu y'Uburaya, ikavuga ko buriko bugira isoni nyinshi kuri iki kibazo, kandi ari nk'uko "buvugira mu ntamatama".
Mu ndwi iheze, umukuru wa Groenland yavuze ko aka karere gakwiye kwiyambura "imigozi y'ubukoloni", nubwo ata na hamwe yavuzemwo Amerika.
Pele Broberg yahoze ari umushikiranganji wa Groenland, ubu akaba arongoye umugambwe mukuru utavuga rumwe n'ubutegetsi, yabwiye BBC ko abanyagihugu hafi bose ba Greenland avugana na bo bemeza ko Amerika ari kirumara ku mutekano wabo.
"Turi akarere k'umugabane wa Amerika y'uburaruko, ni co gituma Groenland ikeneye cane gukingirwa na Amerika, kuko turi mu karere ataho kegamiye kadakeneye kugira igisirikare".
Asaba ko kagira "ubwigenge bwo kugira amasezerano" na Amerika mu bijanye n'ubudandaji n'ukwivuna abansi, ivyoha Groenland ubwigenge ariko ikibazo c'umutekano wayo kikaja mu minwe ya Amerika.
Incuti za Trump zirashimangira cane iciyumviro ciwe kuri Groenland.
Keith Kellogg, uwagenywe na Trump kugira arangize intambara yo muri Ukraine, avuga ko vyinshi mu bivugwa na Trump kuri Groenland vyumvikana, "bigashira Amerika mu kibanza co kuba kizigenza kw'isi yose".
Umushingamateka w'umurepubulikani Mike Walz yabwiye imboneshakure Fox News ko ikibazo kidahagaze "gusa kuri Groenland, ni ikibazo ca Arctique", kuko Uburusiya buriko bugerageza kwiganzira aka karere, ubutare n'umutungo kama vyako.
Ati: "Danemark ishobora kuba incuti ikomeye, ariko ntushobora gufata Groenland, ico gihugu gisanzwe kigenzura, nk'akarere nyamwigendako – iri mu gice c'uburengero bw'isi".
Amerika ni isoko nyamukuru ry'ibicuruzwa Danemark ishorera hanze.
Mu ntango z'ino ndwi, Trump yavuze ko azoshira amakori ku bicuruzwa biva muri Danemark iramutse yanse icipfuzo ciwe co kugura Groenland.










