Biri hasi
Ingene ubu buryo bukoreshwa
Ibirekuwe
Ushobora gukoresha ubu buryo mu kwipima canke ushaka gupima uwundi:
- Afise imyaka 18 canke irenga.
- Aherutse gufatwa ibipimo vy'umuvuduko w'amaraso n'umukozi wo kwa muganga canke akoresheje akamashini ko muhira.
Ibibujijwe
Ntukoreshe ubu buryo niba wewe canke umuntu ushaka gupima:
- Afise imyaka itarenga 17.
- Afise imbanyi
- Ariko arafata imiti ishobora kugira ingaruka ku muvuduko w'amaraso
- Aherutse kubagwa canke gukomereka
- Yumva amerewe nabi afise ibimenyetso nk'ukuzeregwa, agaseseme canke kumeneka umutwe.
- Uherutse kubonana n'umukozi wo kwa muganga ku bijanye n'umuvuduko wawe w'amaraso kandi warahawe impanuro
- Ntukwiye gukoresha ubu buryo kugira upime ibimenyetso ivyo ari vyo vyose. Ufise amakenga ku muvuduko wawe w'amaraso, raba umuganga.
Ingene upima neza umuvuduko wawe w'amaraso
Iyo uriko uripima umuvuduko w'amaraso uri imuhira, hari ibintu ushobora gukora kugira ufate ibipimo vy'ukuri.
- Icara ku ntebe ifise aho begamira.
- Honyora hasi.
- Shira ukuboko kwawe ku meza hanyuma ntudadaze ikiganza n'ukuboko.
- Wambare impuzu y'amaboko magufi
- Iyoroshe, hema bisanzwe kandi ntuvuge igihe uriko uripima
- Subira wipime haheze iminota mikeya kugira urabe ko ari ivyo
- Pima umuvuduko w'amaraso mu gitondo no ku mugoroba.







