Imvo n'Imvano ku masezerano y'amahoro aherutse gusinywa hagati ya RD Congo n'Urwanda i Washington
Ikiganiro Imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 13 Kigarama (12) 2025 gishimikira ku masezerano y'amahoro aherutse gushirwako umukono n'ibihugu vya Republika ya Demokrasi ya Congo hamwe n'Urwanda.
Ayo masezerano ahanini yubakiye ku ngingo zikomeye zibiri. Izo na zo zikaba ari kurandurana n'imizi umuhari wa FDLR ugwanya reta y'Urwanda ukoresheje ibirwanisho, wagirizwa kuba ugizwe n'abagiye bakoze jenoside mu Rwanda bagahungira muri Zaire ubu yabaye RD Congo, ubu bivugwa ko bagwana ku ruhande rwa Congo.
Hari rero n'ugukuraho ico Urwanda rwita 'ingongo z'ubwirinzi', ariko mu majambo yeruye Congo ivuga ko ari ugukura abasirikare b'Urwanda n'ibirwanisho vyabo muri ico gihugu, aho bagirizwa gufasha umuhari wa AFC/M23.
Abantu benshi bari bafise icizere kuri ayo masezerano yahagarariwe na prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, agashirwako umukono n'abakukuru b'ivyo bihugu kw'itariki 4 z'uku kwezi kwa 12; ko noneho intambara zigiye guhagarara, ariko ahubwo ziyongereye gusumba.
Kuva ayo masezerano ashizweko umukono, intambara zarongerekanye gusumba, ishami rya ONU rijejwe gutanga imfashanyo OCHA, rikavuga ko hagati y'itariki 2 na 7 muri uku kwezi turimwo abantu barenga 70 ari bo bishwe mu gihe abandi bababa 100 bakomeretse. OCHA ivuga ko abataye izabo barenga 200.000 bahungira mu gihugu hagati, mu gihe abandi ibihumbi n'ibihumbi bahungiye mu bihugu bibanyi, nk'Urwanda n'Uburundi.
Ivyo vyose biba, mu gihe uretse ayo masezerano y'i Washington, hari n'ayandi y'intangamarara yashizweko umukono hagati ya Reta ya Congo n'abarwanyi ba AFC/M23 i Doha kw'itariki 15 z'ukwezi guheze kwa cumi na rimwe, na yo nyene yashimikira ku kugenzura uko agahengwe bemeranije gashirwa mu bikorwa.
Kubera iki amasezerano ashirwako umukono ariko ku rubuga rw'intambara ntihagire igihinduka? Ubwo abashira umukono kuri ayo masezerano baba ari bo bafise ububasha nyabwo bwo kuyashira mu ngiro? Hoba haganira abatari bo canke bemeza ibi mu mitima hari ibindi? Canke hoba hariho ku mpande zose ikitavugirwa hejuru cinyegeje inyuma y'iyi ntambara? Canke se abayahagararira ni ukuvuga Qatar n'Amerika ntibabashiraho igitutu gihagije kugira bahagarike intambara.
Ibi ni bimwe mu bibazo tuza guca hirya no hino muri kino kiganiro kigiye kuremeshwa na Cyriaque Muhawenayo.
Muri kino kiganiro rero mugiye kuba hamwe na Kongolo Umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, Balinda Oscar, umuvugizi w'umuhari AFC/M23 urwanya reta ya Congo ukoresheje ibigwanisho, hamwe n'umusesenguzi Onesphore Sematumba, wo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ICG rishinzwe gukurikirana ahari amatati, akurikiranira hagufi ikibazo ca Congo.