Video ifatiwe mu kirere y'isengero yo muri Suede yimuriwe mu kindi kibanza
Isengero imaze imyaka 113 mu buraruko bwa Suede yashitse mu kibanza gishasha inyuma y'urugendo rw'iminsi ibiri.
Video yafatiwe mu kirere yerekana iyo sengero yateretswe kuri remoruke yakozwe mu buryo bwihariye, mu gihe iyo sengero yimuriwe ku 5km mw'ibarabara ku murindi wa 500m kw'isaha, aho ibintu bijanye n'ibarabara nk'amatara n'ivyapa vyabanje kuvanwaho kugira ishobore kurengana.
Iyo sengero yo muri Kiruna yari igeramiwe no gushobora kunyika inyuma y'imyaka irenga ijana hafi yayo himbwa ubutare.
Iyo sengero ipima toni 672, mu maduga ireha na 35m, mu bwaguke ikagira 40m.
Yimuwe uko yakabaye, n'iminara yayo, aho kubanza kuyisambura ngo izokwongere guteranywa mu nyuma.
Yigeze gutorwa ko ari yo nyubakwa ya mbere nziza mu zubatswe imbere ya 1950.
Kuyimura bigereranywa ku bizotwara amafaranga angana na miyaridi y'ama dorari.



