Umunya-Guinea yagenze ibihugu bitandatu n’ikinga arondera ikibanza kuri kaminuza ya Al-Azhar mu Misiri

MAMADOU SAFAYOU BARRY

Ahavuye isanamu, MAMADOU SAFAYOU BARRY

Insiguro y'isanamu, Mamadou Safayou Barry n'ikinga ryiwe ryamujabukanye ibihugu bitandatu
    • Umwanditsi, Na Wedaeli Chibelushi
    • Igikorwa, BBC News

Umunyeshure yagenze ibirometero 4000 mu bihugu vya Afrika y’Uburengero, ahagarikwa agapfungwa ariko akihangana, akihanganira n’izuba rirenze urugero, arondera gusa ikibanza kw’ishure kaminuza yipfuza cane.

Mu kwa gatanu, Mamadou Safayou Barry niho yahaguruka avuye muri Guinée/Guinea arondera gushika kuri kaminuza ya Al-Azhar mu Misiri, afise n’icizere ko yari kwakirwa.

Mu kiringo c’amezi ane, uno mugabo w’imyaka 25 yagiye n’ikinga aca mu bihugu bisinzikajwe n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam hamwe n’ama-coups d’Etat.

Yabwiye BBC ko yuzuye umunezero “mwinshi cane” kubona yarashoboye kurihirwa ishure amaze gushika i Cairo.

Uno mugabo, akaba asanzwe yubatse afise n’umwana umwe, avuga ko n’aho ata buryo yari afise bwo gushobora kwirihira ivyigwa bijanye n’idini rya Islam kuri Al-Azhar, canke bwo kwirihira indege yari kumushikana mu Misiri, amateka y’iyi kaminuza yamutumye afata ingingo yo gufata uru rugendo rurerure aca muri Mali, Burkina Faso, Togo, Benin, Niger na Tchad.

Al-Azhar ni kimwe mu bigo bikomeye cane kw’isi bitanga inyigisho z'idini rya Islam y’aba-Sunni. Ni kimwe kandi mu bigo vya kera cane, kikaba catangujwe mu mwaka wa 670 inyuma ya Yezu/Yesu.

Barry yavuye iwabo “arondera ubumenyi kw’idini rya Islam” ariko agenda yinubwa kandi ahura n’ivyago mu bihugu bimwe bimwe muri ibi yagiye acamwo n’ikinga ryiwe.

Muri Mali, Burkina Faso na Niger, ibitero vy’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam n’ama coups d’Etat aherutse vyateje umutekano muke.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Guca muri ibi bihugu ntivyoroshe na gato kubera ata mutekano uriyo muri iki gihe.

"Bafise ingorane nyinshi kandi n’abanyagihugu bari mu bwoba bwinshi cane – muri Mali na Burkina Faso abantu barandaba bakambonamwo ikibi. Aho naca hose nabona abasirikare bafise ibikoho n’ibimodoka binini binini ”.

Avuga ko yahagaritswe agapfungwa incuro zitatu ata mvo n’imwe iboneka – incuro zibiri muri Burkina Faso na rimwe muri Togo.

Hagati aho, Barry yagiye kuronka amahirwe igihe yari ashitse muri Tchad. Umumenyeshamakuru yamuhaye ikiganiro, aca yandika inkuru kuri we ku rubuga ngurukanabumenyi, ivyatumye abagiraneza bamwegeraniriza uburyo bwo kumurihira indege imushikana mu Misiri.

Ibi bisigura ko ataciye muri Sudani n’ikinga, mu gihe ibice bimwe bimwe vy’iki gihugu birangwamwo intambara muri kino gihe.

Ku wa 05 Nyakanga (5), niho yahava arashika i Cairo. Icemezo yihaye camushoboje kubonana n’umukuru w’igisata c’ivyigwa vy’idini rya Islam, Dr Nahla Elseidy. Amaze kuvugana na Barry, Dr Elseidy yaciye amwemerera ikibanza mu gisata c’ivyigwa vy’idini rya Islam kuri Al-Azhar, kandi akazorihirwa vyose.

Mamadou Safayou Barry (i buryo) avuga ko afise umunezero mwinshi cane kubona agiye kwiga kw’ino kaminuza ikomeye cane

Ahavuye isanamu, Nahla Elseidy/Facebook

Insiguro y'isanamu, Mamadou Safayou Barry (i buryo) avuga ko afise umunezero mwinshi cane kubona agiye kwiga kw’ino kaminuza ikomeye cane

Aciye ku mbuga hwaniro, uno muyobozi yavuze ko iyi kaminuza ifise ishaka ryo kwigisha abanyeshure bo kw’isi yose kandi ko uno mugambi uterekeye gusa abanyeshure b’abanyamahanga bari mu Misiri gusa, ariko ko “urangurirwa no hanze. Al-Azhar yakira abanyeshure bava mu bihugu vyose, ikabaha vya nkenerwa ikanabaha n’imfashanyo”.

Barry avuga ko anezerewe “cane rwose” kubona yashoboye kurihirwa ishure.

Ati: "Si numva ingene novuga umunezero mfise. Ndashimira Imana”.

Barry avuga kandi ko ivyago yagize mu nzira yamaze kuvyibagira – ko vyafuswe n’umunezero wo kwitwa umunyeshure wa al-Azhar.