Umusunikano muri Congo-Brazzaville: Abarenga 30 bapfuye mu kurondera kwinjizwa mu gisirikare

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu nibura 37 bapfuye mu musunikano mu gihe hariko haraba ukurondera abokwinjizwa mu gisirikare ku kibuga c'inkino muri Congo-Brazzaville, nk'uko abategetsi babivuga.
Abantu bamwe bamwe bagerageje kwinjira ku nguvu mu miryango y'ico kibuga ku murwa mukuru, Brazzaville, bituma haba umusunikano, ku bw'ababa aho hantu.
Ku ndwi iheze, igisirikare catangaje ko kizokwinjiza abantu bashika 1.500 bafise hagati y'imyaka 18 na 25.
Ntibiramenyekana abakomeretse ingene bangana muri uwo musunikano wabaye mw'ijoro.
Itangazo rya reta ryavuze ko hashinzwe umugwi wo kubikurikirana, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru, AFP.
Ku bw'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press, abantu bashobora kuba bashika 700 bariyandikishije buri munsi mu ndwi iheze ku bigo vyandika abashaka kwinjira.
Mu masaha akuze yo ku wa mbere, ibihumbi n'ibihumbi vy'abakiri bato baragiye ku kibuga citiriwe Michel d'Ornano kugira bazobe bari ku murongo w'imbere ku wa kabiri.









