Ibintu bitandatu bikomeye biri mu cegeranyo ku gitero co kuri Capitol kuri 6 Nzero

Na Kayla Epstein & Mike Wendling

BBC News

The House Select Committee to Investigate the January 6th Attack on the US Capitol approves its final report

Ahavuye isanamu, EPA

Uwo mugwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka bakoze amatohoza ku gitero co mu mwaka uheze ku nyubakwa ya Capitol yo muri Amerika wagirije uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ‘’ibintu vyinshi’’ mu mugambi w’ububisha wo kwanka ivyavuye mu matora yari yatsinzwe mu mezi atatu yari aheze.

Uwo mugwi wasohoye icegeranyo cawo c’impapuro 845 kuri ico gitero.

Wegeka ico gitero ku nyubakwa y’inama nshingamateka na nkenguzamateka ku wa 6 Nzero 2021 hafi cose kuri uwo yahoze ari umukuru w’igihugu.

Ico cegeranyo gitanga kandi inama y’uko Trump yobuzwa gusubira kwitoreza amabanga ayari yose y’igihugu muri kazoza.

Yaranse gufashanya n’abakoze amatohoza hanyuma aho icegeranyo gisohokeye avuga ko ari ‘’uruhigi’’[ariko aragirirwa].

Mu kiringo c’amezi 18, iyo komite yashashe incuro 10 yumviriza abantu icese kandi ibaza ivyabona (abatangabuhamya) birenga 1.000 harimwo abategetsi n’abakozi muri reta ya Trump, abaporisi bo kuri Capitol, abateye imidugararo, n’abandi.

Ku wa mbere, uwo mugwi w’aba-Democrats indwi n’aba-Republicains 2 basavye ubushikiranganji bw’ubutungane gukora amatohoza kuri Trump – asanzwe ariko arategura gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru bw’igihugu – ku vyaha vyo gufasha guteza imigumuko n’ibindi vyaha bitatu vyo ku rugero rw’igihugu.

Umu-Democrat arongoye umugwi wo mu nama nshingamateka, Bennie Thompson wa Mississippi, yanditse mw’ijambo ry’intangamarara ry’ico cegeranyo c’ibigabane umunani ko kera ‘’atawokwibajije’’ ko umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yogumuye igihugu ngo gishware Capitol.

Ibi nivyo bintu bitandatu bikomeye biri muri ico cegeranyo, casohotse ku wa kane mw’ijoro.

1) Trump yemeje ibinyoma kandi abajenama baramubwiye ko atari ukuri

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyo komite yavuze ko ingingo ya Trump yo gutangaza ko yatsinze kandi atari vyo mw’ijoro ryo ku munsi w’amatora mu 2020 ari ikintu ‘’yari yabanje kwiyumvira’’, kandi ko umushingwamanza wiwe , Rudy Giuliani, wenyene ari we yari ashigikiye ico gikorwa ciwe.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yaciye atangura kwemeza ibintu bitagira ishingiro ku bijanye n’amanyanga mu bitigiri vy’abatoye, hanyuma abandanya kubikora ahubwo yisubiriza kenshi kurusha inyuma y’aho bitangarijwe ko amatora yatsinzwe na Joe Biden.

Iyo komite ishingira ku biganiro bagiranye n’abajenama n’abanyamategeko benshi begereye Trump, bavuga ko batigeze bemera ko ivyo Trump yavuga ku bijanye n’ubusuma canke ngo batore ivyemezo vyo kubishigikira.

Umwe mu bantu bakomeye cane muri abo babajijwe harimwo uwahoze ari umushikirizamanza mukuru William Barr, yabwiye komite mu gihe co kwumvirizwa ati: ‘’Narabivuze ata guca hirya no hino ko ntemeranya n’iciyumviro co kuvuga ko amatora yibwe kandi ko gusohora ivyo bintu, kandi ivyo narabibwiye umukuru w’igihugu, bitari [bikenewe.]’’

Umukuru w’igihugu yakomeje gukokeza imigambi y’ububisha ijanye n’amatora mu mayinga yakurikiye, n’ubwo abategetsi bakomeye muri reta ya Trump bemeje ko bamubwiye ko ivyo yavuga kutari ukuri.

2) Amajambo ya Trump yakweze abagumutsi kuza Washington

Iyo komite ivuga ko igitero kuri Capitol catewe na Trump ubwiwe.

Uretse ivy’ubusuma Trump yagumye asubiramwo, iyo komite igaruka ku butumwa bwo kuri Twitter yanditse ku wa 19 Kigarama 2020, aho uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yanditse ati: "Imyiyerekano ikomeye muri DC ku wa 6 Nzero. Muzobe muhari, bizoba bishushe!”

Mu vyashikirijwe hamwe n'inyandiko zo muri sentare, abitavye imigumuko n’abo mu migwi yitwara gisirikare bari kuri Capitol uwo munsi bavuze ko tweet ya Trump ari yo yatumye baza i Washington.

Iyo komite yavuze abantu nka Robert Morss, yagiriwe n’icaha co guhohotera abaporisi igihe Capitol yaterwa. Morss avuga kandi imburi z’inzego zijejwe igendereza z’uko abantu bariko barategura kuza Washington ku wa 6 Nzero kandi ko vyari vvitezwe ko ‘’bizoba bishushe”.

Trump rioters

Ahavuye isanamu, Getty Images

3)Trump ntaco yakoze mu gihe c’imigumuko

Iyo komite ivuga ko Trump ata na kimwe yakoze ubwo igitero co ku wa 6 Nzero cari gitanguye, kandi ko yirerangije imburi zava mu nama nshingamateka na nkenguzamateka z’uko igitero gikomeye cane cariko kiraba.

Imwe mu myanzuro y’iyo komite ishingiye ku vyavuzwe n’uwahoze aja gukora mu biro vy’umukuru w’igihugu (White House/Maison Blanche) iyo hari umukozi atari hafi, Cassidy Hutchinson yari ahari uwo munsi.

Mu nyandiko y’ivyo yashikirije igihe yumvirizwa yashizwe ahabona ku wa kane, umwe mu banyamategeko bo muri White House bari bagerageje gusigurira Madame Hutchinson ingene azovyifatamwo mu gihe co kubazwa: ’’Uko uzokwibuka bike, niko bizoba vyiza gusumba.”

Iyo komite ivuga kandi uguhanahana amakuru hagati y’abashingamateka n’abakenguzamateka bagotewe muri Capitol n’umutegetsi wo muri Maison Blanche Mark Meadows, yaguma aronka ubutumwa bwaguma bucanacanako kandi burushirizaho kwihebura bwaurungikwa n’abashingamateka n’abakeguzamateka bari binyegeje.

Ubutumwa bugufi bwo kuri terefone bwa Hope Hicks, umwe mu bajenama ba Trump bamuyoboka cane, nibwo butanga incamake y’ingene abakozi bo muri Maison Blanche bari bajorewe.

Madame Hicks yarungikiye ubutumwa bwanditse kuri terefone umuyobozi w’ibiro vya Ivanka Trump, Julie Radford, inyuma y’imigumuko avuga ati: ‘’ubu twese dusa nk’abakozi b’iterabwoba b’imbere mu gihugu”. Yandikiye kandi umwe mu banyamategeko bo mu biro vy’umukuru w’igihugu ati: ‘’Ndababaye cane. Ivyo twakoreye vyose biguye mu mazi”.

4) Imigwi yo muri ‘extreme droite’ yarateguye -hanyuma ishira mu bikorwa

Udukuru tw’uko imigwi ifise ibigwanisho irondera gutera Washington mbere na Capitol twatanguye kuja turaboneka mri Kigarama mu 2020. Ico cegeranyo kivuga ko FBI yarungikiwe ubutumwa bwahanahanwa mu migwi igenzurwa na Oath Keepers and Proud Boys w’ivyiyumviro bikaze.

Igiporisi ca Capitol n’abakozi bo mw’igendereza -bajejwe gukingira umukuru w’igihugu – bararonse bene ubwo butumwa nyene babuhawe n’ababibira ibanga muri iyo migwi nyene n’abandi batandukanye. Bumwe bwaradoma urutoke Capitol nka kimwe mu bibanza vyari kuberamwo ibikorwa vy’intureka.

Bumwe bwava kuri app zo guhanahana ubutumwa ariko bukabonwa n’uwo bugenewe gusa, ariko hari n’ubundi butumwa bwaboneka icese ku wari we wese ku mbuga z’abiyumvamwo Trump canke kuri Twitter.

Abanywanyi b’imigwi y’ivyiyumviro bikaze (extreme droite) amaherezo baje kuba bari mu binjiye muri Capitol ku wa 6 Nzero.

Members of the Oath Keepers were seen in groups at the Capitol riot

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi ba Oath Keepers barabonywe mu migwi yari mu midugararo yo kuri Capitol

Hamwe n’ico cegeranyo, iyo komite yasohoye inyandiko mirongo z’ivyavuzwe atakivanywemwo n’ivyabona vyumvirijwe mu mwiherero.

Bamwe mu bashigikiye cane Trump baranse kwishura ibibazo bitwaje uburenganzira bwo mw’ibwirizwa nshingiro bwo kutiyagiriza icaha.

A Trump bust being held up during the day of the riot at the US Capitol

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikibumbano ca Trump kireruwe ku munsi w'imidugararo kuri Capitol

5) Trump yaragerageje gushira igitutu ku cegera ciwe kugira asese ivyavuye mu matora

Igice kimwe c’umugambi wa Trump wo kuguma ku butegetsi cari gihagaze ku kudatahura kumwe ibwirizwa shingiro rya Amerika, we yemera ko ryaha icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence, yari kurongora ibirori vyo kwemeza intsinzi, kumutangaza ko yatsinze.

Ku wa 6 Nzero, Trump yaragerageje guhamagara Pence , akankamira abakozi ngo bamurondere kuri terefone, nk’uko icegeranyo kivuga. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yaciye abwira Pence ibitari vyo ko afise ububasha bwo kugira ico akoze mu gihe co kwemeza intsinzi.

Ivyabona vyabwiye umugwi ko vyashitse aho Trump avuga ko icegera ciwe ari “umuntu ataco amaze” kandi ko “adakara bikwiye”.

Ariko avugisha isinzi ry’abantu, Trump yavuze ko yizeye ko “Pence aja gukora ikibereye”. Mu nyuma abateye imidugararo bumvikanye basemerera ngo “Manika Mike Pence” igihe bariko baratera Capitol.

6) Trump akwiye kubuzwa kuja mu mabanga y'igihugu

Umugwi utanga inama 11 nk’ivyo ayo matohoza yashitseko. Imwe rifatiye kw'ibwirizwa shingiro, rivuga ko umuntu yarahiye ko azoshigikira ibwirizwa shingiro rya Amerika hanyuma “akaja mu mugumuko” canke "agatanga imfashanyo canke akorohereza abansi b’ibwirizwa shingiro" ashobora kwankirwa gushingwa amabanga.

Trump yashikirijwe ubushikiranganji bw’ubutungane ku kuba yarafashije umugumuko.