Rishi Sunak: Ibintu nyamukuru womenya ku mushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza

Sunak

Uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere.

Ng’ibi ivyo ukwiye kumenya kuri we.

SEPARATOR

Yatsinze inyuma yo guhiganwa ubugira kabiri uyu mwaka

Yatsinzwe na Liz Truss mu kwezi kw’icenda, ariko inyuma y’indwi zitandatu Truss yaciye atanga imihoho. 

Muri uku guhiganirwa uburongozi, Sunak yaronse abashingamateka bamushigikira hakiri kare, kandi adatevye.

Yarengeje amazina y’abashingamateka bakenewe 100 imbere y’uko ikiringo ntarengwa gihera - harimwo n’ay'abashingamateka bahoze bashigikiye Liz Truss canke Boris Johnson.

BLACK
SEP

Yarateguje hakiri kare ko hazoba ibibazo vy’ubutunzi ku burongozi bwa Liz Truss 

Mu guhiganira uburongozi mu gihe caheruka, ntiyahuje na gato n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, yavuga ko integuro yiwe yo kugurana amafaranga mu gihe ifaranga ririko ritakaza agaciro bisa n’urwenya rushoborora guta ubutunzi mu kaga.

b
s

Avuka ku bimukira

Abavyeyi biwe baje mu Bwongereza bavuye muri Africa y’Ubuseruko kandi amamuko yabo bose ni Ubuhindi.

Sunak yavukiye muri Southampton mu 1980, aho se wiwe yari asanzwe ari umuganga, nyina wiwe nawe atwara iduka ry'imiti. 

Ni we wa mbere abaye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza ava muri Asia.

b
s

Yari amaze imyaka indwi gusa ari umushingamateka

Sunak yabaye umushingamateka mu 2015- wo muri Richmond muri Yorkshire-ariko yaciye aduga cane mu gihe gito aba umushikiranganji ajejwe ubutunzi – mu kwezi kwa kabiri mu 2020 mu gihe Boris Johnson yari umushikiranganji wa mbere.

b
s

Yari ajejwe gutunganya amafaranga yafasha mu kugwanya Covid

Nk’uwujejwe ubutunzi igihe ca Johnson, Sunak niwe yatanguje umugambi w'imfashanyo y’amafaranga mu gihe ca guma mu rugo – harimwo amafaranga yagenewe abakuwe ku kazi be n’umugambi bise ‘’Eat out to help out’’ wari ujejwe gufasha ibibanza vy’uburiro kugira bigume bikora.

b
s

Afatwa nk'umwe mu bashingamateka batunze cane

Umugore wiwe Akshata Murthy, ni umukobwa w’umutunzi ruhebwa mu Buhindi, Narayana Murthy.

Sunak yarakoreye ibanki Goldman Sachs hamwe n’ibigega bibiri vy’abantu bikorera utwabo bigamije kurondera inyungu ku mitahe (hedge funds/fonds de couverture).

Ikinyamakuru The Sunday Times Rich List kigereranya ko uwyo muryango ufise umutungo w’amafranga ungana hafi imiriyoni 730 z'amapawundi (£:amafranga y’Ubwongereza).

b
s

Yarahuye n'ibibazo bishingiye ku buryo umugore wiwe yatunganya irihwa ry’amakori

Mu ci, vyagaragaye ko Akshata Murthy atarishe amakori y'Ubwongereza ku nyungu nini yakura hanze - kandi biri mu mategeko.

Sunak yarashigikiye umugore wiwe avuga ati "gucafuza umugore wanje undondera ni bibi cane" – ariko yahavuye yemera gutangura kuriha ayo makori yiyongera ku yo yatanga.

Twasanze yari afise ikarata imwemerera kuba muri Amerika burundu (Green Card) mu gihe yari umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta y’Ubwongereza.

b
s

Yiyamamarije Brexit n’ishirwaho ry’amategeko y'inzitizi ku rudandazwa

Kimwe mu vyiyumviro yamye ashira imbere ni ikurwa ry’amakori ku bivuko, ico yise ‘’ free ports’’, ibibanza biri hafi y’ibivuko n’ibibuga vy’indege bishobora kwinjiza canke bigasohora ibidanzwa ntibitange amakori mu ntumbero yo gutera intege urudandazwa.

b
s

Yaripfuza koko kuba Jedi, umukinyi w’amareresi

Mu 2016, yabariye umugwi w’abana b’abanyeshure ko akiri umwana yari afise indoto yo kuba Jedi Knight amaze gukura. Ireresi akunda mu rukurikirane rw'amareresi rwiswe Star Wars (La Guerre des étoiles /Intambara y'inyenyeri) ni iyitwa The Empire Strikes Back.