Amagorwa y'abajabukanwa urubibe bahunga intambara ya Sudani baja mu Misiri
Amagorwa y'abajabukanwa urubibe bahunga intambara ya Sudani baja mu Misiri
Mu gihe intambara yo hagati mu gihugu muri Sudani imaze amezi cumi, hafi y’igice c’umuruyoni w’abanye Sudani baramaze kwandikwa mu buryo buciye mu mategeko n’ishamirya ONU rijejwe impunzi, HCR, mu Misiri.
Benshi muri bo bategerejwe kurondera ababajabukana urubibe mu buryo bw’amagendo.
Igisata ca BBC gitangaza mu rurimi rw’Icarabu caronse amasanamu yihariye y'abantu bakora urwo rugendo rusa nk’ukwigerezako – kinavugana na bamwe mu mpunzi bavuga ukuntu amahano baciyemwo n’ubu atarahera.



