Equateur: Abitwaje inkoho bateye imboneshakure y'igihugu iriko ishikiriza ibiganiro ikibiriraho
- Umwanditsi, Na Marita Moloney & Patrick Jackson
- Igikorwa, BBC News
Abagabo bitwaje inkoho bambaye n’udupfukamunwa biteye muri studio y’imboneshakure yariko ishikiriza ibiganiro ikibiriraho bafata mpiri abakozi bari batekewe n’ubwoba.
Abakozi bategetswe kuryama hasi muri ico gihe iyo mboneshakure y’igihugu TC yo mu gisagara ca Guayaquil yariko ishikiriza ibiganiro ikibiriraho imbere y’uko bicibwa.
Igipolisi kivuga ko cahavuye kibohoza aba bakozi bose, maze gihagarika 13 muri aba bitwaje inkoho, cerekana n’ibirwanisho cafashe.
Abantu nibura 10 ni bo bamaze kwicwa kuva hatangajwe amategeko yo mu bihe bidasanzwe y’imisi 60 muri Equateur/ Ecuador ku wa mbere.
Ano mategeko adasanzwe yatangajwe inyuma y’aho inkozi y’ikibi karuhariwe atorokeye mu cumba c’ibohero yari apfungiwemwo.
Ntibiramenyekana neza nimba iki gitero gifitaniye isano n’iri toroka muri iki gisagara gisanzwe kibamwo umukuru w’umurwi w‘inkozi z’ikibi uzwi nka Choneros, Adolfo Macías Villamar, azwi cane kw’izina rya Fito.
Mu gihugu kibanyi ca Peru, reta yategetse igipolisi kurungika ingabo ku mupaka kugira kizibire umutekano muke ntuhave utandukira ubutaka bwaco.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza ibi “bitero biteye isoni” muri Equateur kandi ko ziriko “zikorana mu buryo bwa hafi” n’umukuru w’igihugu Daniel Noboa na reta yiwe, kandi ko “ziteguye gufasha”.
Equateur ni kimwe mu bihugu vya mbere kw’isi bishora ibitoke hanze, ariko kandi kikaba gishoraamavuta, ikawa, cocoa, hamwe n’amafi y’ubwoko butandukanye.
Ukwiyongera kw’ubukozi bw’ikibi imbere no hanze y’amabohero bifitaniye isano n’intambara hagati y’imirwi icuruza ibiyayuramutwe, hanze no mu gihugu hagati, irwanira kwigarurira amayira acishwamwo urumogi rushorwa muri Amerika n’i Bulaya.
Muri iki gitero ca nijoro ku wa kabiri mu nyubakwa y’ino mboneshakure, umwe muri aba bateye yafatiye inkoho nini kuri umwe mu bari bafashwe mpiri, yongera aterwa n’ubwoba n’umwe yari afise inkoho ntoya yo mu bwoko bwa revolver.

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, Reuters
Humvikana ijwi ry’umugore yariko atakamba, "Ntimurase, ndabasavye ntimurase", nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, mu gihe humvikana umuntu yariko araboroga bisa nk’aho yari ababaye.
Mu butumwa bwa WhatsApp, umukozi yabwiye AFP ati: "Ni ukuri, binjye baje kutwica. Mana ntiwemere ko ibi biba. Abagizi na nabi bariko bakurikiranwa ikibiriraho”.
Igipolisi cashize ku mbuga hwaniro videwo yerekana abakekwa gukora iki gitero bahagaritswe, kikavuga ko abagikoze “bazotegerezwa guhanwa kubera ibikorwa vy’iterabwoba”.
Ku wa kabiri, Perezida Noboa yavuze ko hadutse “intambara yo hagati” mu gihugu kandi ko yariko asaba ingabo za gisirikare “gutegura ibitero vya gisirikare vyo gutuza” ico yise “ubugizi bwa nabi njabukabihugu, imirwi y’iterabwoba, n’imirwi itegamiye amareta ihanganye”.
Yariko avuga ku bijanye n’urukurikirane rw’imvururu ziheruka mu mabohero hamwe n’abaherutse gutoroka, be n’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi abategetsi begeka ku mirwi y’inkozi z’ikibi.
Itegeko bwirizwa ryiwe ryashize ku rutonde imirwi Choneros (witiriwe igisagara ca Chone mu ntara ya Manabi) hamwe kandi n’iyindi mirwi 21: Aguilas, AguilasKiller, AK-47, Caballeros Oscuros, ChoneKiller, Covicheros, Cuartel de las Feas, Cubanos, Fatales, Ganster, Kater Piler, Lagartos, Latin Kings, Lobos, Los p.27, Los Tiburones, Mafia 18, Mafia Trebol, Patrones, R7 na Tiguerones.
Iri bwirizwa rishingiye ku mategeko adasanzwe yashinzwe ku wa mbere, ashiraho ingingo ya guma mu rugo mu kugerageza gutuza ubugizi bwa nabi inyuma y’itoroka rya Fito. Inzego z’umutekano ziriko zigerageza kugarukana umutekano mu mabohero nibura atandatu yadutsemwo imigumuko ku wa mbere.
Abantu umunani barishwe abandi batatu barakomereka mu bitero bifitaniye isano n’imirwi y’inkozi z’ikibi i Guayaquil ku wa kabiri, mu gihe abapolisi babiri bishwe “n’imirwi y’inkozi z’ikibi” mu gisagara kibanyi ca Nobol, nk’uko igipolisi kibivuga.
Mu gisagara ca Riobamba, impfungwa zababa 40, harimwo uwundi mutware w’umurwi udandaza ibiyayuramutwe, baratorotse ibohero.
Abapolisi nibura indwi na bo nyene baranyurujwe mbere na videwo iriko izunguruka ku mbuga hwaniro yerekana batatu muri bo bicaye hafi barabishijweko inkoho mu gihe umwe ariko ategekwa gusoma ubutumwa buhabwa Perezida Noboa, nk’uko AFP ibivuga.
Uno mupolisi avuga ati: "Waratangaje intambara, uzobona intambara. Waratangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Dutangaje ko abapolisi, abasivire n’abasirikare ari bo bazogwa mu mporero y’ino ntambara”.
Igipolisi categetse ko abantu bava mu nyubakwa ya reta i Quito ku mvo z’umutekano.
Ababa i Quito babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko igisagara kiri mu kajagari kuva hasohotse amakuru y’iki gitero ku mboneshakure i Guayaquil.
Mario Urena ati: "Hari ubwoba bwinshi cane muri iki gisagara. Ku kazi abantu bariko barataha hakiri kare. Abantu bose bariko barataha, hari uruhagarara rwinshi mu mabarabara n’inzamba zo kugabisha hose. Hari akajagari”.
Abandi baba mu gisagara ca Cuenca babwiye AFP ingene bagize umubabaro babonye ingene ino mboneshakure yafashwe.
Francisco Rosas ati: "Muri Equateur, ntitwari bwigere tubona ibintu nk’ibi, aho igitangazamakuru gisa n’igifashwe, tubona amasanamu y’amasasu n’ay’abantu bafashwe mpiri.
"Hari ingorane nyabaki mu gisata c’umutekano? None nimba inyubakwa y’imboneshakure ishobora guterwa n’ububandi nk’ubu, igitero nk’iki, ca wiyumvira amaduka n’amazu y’uburiro”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri ino myaka ya vuba, amabohero yo muri ico gihugu yariziziwe n’imishamirano hagati y’abanywanyi b’imirwi y’inkozi z’ikibi ihanganye bapfunzwe, akenshi ikandurukamwo igandagurwa ry’impfungwa nyinshi.
Choneros ni umurwi w’ubugizi bwa nabi ukomeye cane mu mabohero ufatwa ko ari wo uri inyuma y’imvururu nyinshi zahitanye abantu ndetse n’imishamirano yadutse mu mabohero ya Equateur mu myaka ya vuba.
Bivugwa ko Fito yatorotse hasigaye amasaha make ngo yimurirwe ahandi nk’uko vyari vyateguwe. Babiri mu bacungera ibohero bafashwe bagirizwa ko boba baramufashije gutoroka.
Itoroka ryiwe kandi ni ingorane kuri reta ya Perezida Noboa yimitswe muri Munyonyo (11) inyuma y’intsinzi yatahukanye mu matora yagandaguriwemwo umwe mu bariko baritoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu akongera akaba umunyamakuru, Fernando Villavicencio.
Bivugwa ko Villavicencio yoba yaratewe ubwoba na Fito imisi mike imbere y’uko yicwa arashwe mu gihe yari avuye mu myiyamamazo i Quito.












