Kuki Heineken igurishije imitahe yayo yose mu Burusiya kuri Euro 1?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubutunzi bwa Heineken mu Burusiya bwari bugizwe n'amahinguriro 7 akoresha abakozi 1.800. Ariko iryo hinguriro ry'inzoga ryo mu Buholande ryafashe ingingo yo kugurisha vyose kuri Euro 1 gusa.
Heineken yamenyesheje ko izogira igihombo c'imiliyoni 30 z'ama euro mu kugurisha iyo migabane yayo kw'ishirahamwe ry'abarusiya rya Arnest, risanzwe rihingura ibikopo.
Inyuma y'ifatwa ry'iyo ngingo, iryo hinguriro ry'inzoga ntirizosubira kuvugwa muri ico gihugu inyuma y'umwaka umwe n'igice ryiyemeje gukura meza.
Amahinguriro menshi y'abanye Buraya yaravuye mu Burusiya igihe ico gihugu catera Ukraine mu kwezi kwa kabiri mu 2022.
Dolf van den Brink arongoye uruganda rwa Heineken yagize ati:"Ibi vyafashe umwanya unini gusumba uwari utegekanijwe".
Yongerako ati:"Ariko uku kugurisha gutuma haboneka uburyo bwo kuba burabeshejeho abakozi bacu, binatume tuva muri kino gihugu ata co twinona."
Ni ku mamvu rero ryiryo gurishwa, Arnest izokwegukana ayo mahinguriro ko ari indwi mu kuriha gusa euro 1, ariko kandi rikiyemeza guha akazi abo bakozi 1.800 no kukabagumizamwo mu myaka itatu iri imbere.
Van den Brink agira ati:"Ibiherutse kutubako birerekana ingorane zikomeye amashirahamwe manini agira iyo ariko arava mu Burusiya."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amashirahamwe amaze kuva mu Burusiya
Mu kwezi guheze, prezida Vladimir Putin yarigaruriye ubutunzi bw'Uburusiya bwari bufiswe na Carlsberg hamwe n'ishirahamwe ry'abafaransa rya Danone.
Mu ntango z'iyi ndwi, nyene ishirahamwe DP Eurasia, rikora Pizza mu Burusiya, yaramenyesheje ko azokwugara ibibanza akoreramwo agireko yugara iryo shirahamwe ryiwe.
Iryo shirahamwe rivuga ko ritazonagerageza kurondera kugurisha imigabane yaryo kubera "uko ibintu vyifashe bigenda bigora gusumba".
Igihugu c'Uburusiya carafatiwe ibihano vyinshi bitandukanye kuva ibimodoka vy'intambara vyaco vyinjiye muri Ukraine itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri mu 2022.
Amashirahamwe akomakomeye yarafashe ingingo yo kuva muri ico gihugu kuva hakiba ico gitero. Ayandi nka MacDonald na Coca-Cola yaratewe igitsure kugira atinde yemere kuvayo.
Ukunebagurwa vy'urutavanako vyarabandanije ku mashirahamwe yabandanije gukorera muri ico gihugu.
Kaminuza ya Yale iguma ikurikirana amakompanyi amaze kuvayo n'ayagikorera muri ico gihugu. Muri yo, harimwo iryo Ubwongereza ry'itumatumanako BT Group hamwe na Lacoste, kompanyi y'abafaransa y'impuzu za sport zo mu rwego rwo hejuru.










