Kajugujugu y'igisirikare ca Uganda yakorotse ica irasha muri Somalia

Ahavuye isanamu, Munasar Mohamed
- Umwanditsi, Swaibu Ibrahim, Ibrahim Aden & Fardowsa Hanshi
- Igikorwa, BBC News, Kampala, Mogadishu & Nairobi
Kajugujugu ya gisirikare ya Uganda yarimwo abantu umunani yakorotse ica irasha ku kibuga c'indege co ku mugwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, nk'uko umuvugizi w'igisirikare ca Uganda yabibwiye BBC.
Abantu batatu barokotse iryo sanganya bafise ubushe ariko abandi batanu 'ntibarabatora' bivuye kuri iryo sanganya ryabereye ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Aden Adde, nk'uko bivugwa na Maj Gen Felix Kulaigye, aho yongeyeko ko icateye iryo sanganya kitaramenyekana.
Umwe mu bakozi bo ku kibuga c'indege, Farah Abdulle, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ati:"Twumvise ikintu giturika tuca tubona umwotsi hejuru ya Kajugujugu."
Itororokanirizo ry'amakuru rya reta ya Somalia ryavuze ko abajejwe igisata co gutabara bazimije uwo muriro mu buryo bwihuse.
Ingabo za Uganda ziri mu zishika 11.000 z'Ubumwe bwa Afrika (AU) zagiye gufasha reta ya Somalia kugwanya umuhari wa al-Shabab ufitaniye ubucuti na al-Qaeda, umaze imyaka irenga mirongo ibiri utema ugatongora muri ico gihugu.
Uwurongoye ibikorwa vyo ku kibuga c'indege muri Somalia, Ahmed Maalim, yabwiye BBC ko iyo Kajugujugu yari iguye mu kibanza kigwamwo indege za gisirikare kuri ico kibuga, ivuye ku ca Balidogle mu karere ka Lower Shabelle, ku birometero 90 mu buraruko bushira uburengero bwa Mogadishu.
Mw'itangazo, uburongozi bw'abari mu butumwa bw'Ubumwe bwa Afrika muri Somalia bwavuze ko abantu batatu barokotse bajanywe mu bitaro kuvurwa, mu gihe ibikorwa bikibandanya vyo "kurondera ibisigarira vy'uwari atwaye iyo ndege n'abandi bari bayirimwo".
Bompi, Ubumwe bwa Afrika n'abategetsi ba Somalia bavuze ko hariko haraba amatohoza kugira hamenyekane icateye iryo sanganya.
Iryo sanganya ryatumye indege ya Turkia itwara abantu icererwa guhaguruka, ariko izindi ndege zija hagati mu gihugu zabandanije gukora ukuri kwamye.










