Macron aremanga amabi Ubufaransa bwakoreye abanya Cameroun mu gihe co kurondera intahe yo kwikukira

Ahavuye isanamu, Universal Images Group via Getty Images
- Umwanditsi, Paul Njie
- Igikorwa, BBC News in Yaoundé
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yemanze ububisha bwakozwe n'ingabo z'igihugu ciwe muri Cameroun mu gihe n'inyuma y'aho ico gihugu co muri Afrika yo hagati cariko kiragwanira kwikukira.
Ivyo bikurikiye icegeranyo cakozwe n'abize akahise b'abafaransa n'abanya Cameroun ku kungene Ubufaransa bwahohoteye imihari yariko iharanira ukwikukira kuva mu 1945 gushika 1971.
Mw'ikete rigenewe prezida wa Cameroun Paul Biya ryashizwe ahabona ku musi wa kabiri, Macron avuga ko ico cegeranyo cerekanye ata guca ku ruhande "ko habaye intambara muri Cameroun, aho abategetsi b'abakoloni n'igisirikare c'Ubufaransa bakoze ihohoterwa mu buryo butandukanye mu turere tumwe tumwe tw'ico gihugu".
"Ni jewe uyu musi ntegerezwa kwemanga igikorwa n'uruhara vy'Ubufaransa muri ayo mabi," ni ko yavuze.
Ariko Macron ntiyasavye imbabazi ku mabi yakozwe n'ingabo z'Ubufaransa muri ico gihugu bahoze bakolonije, caronse intahe yo kwikukira mu 1960.
Uwo mutegetsi w'Ubufaransa avuga ko incungu zine zaharaniye ukwikukira ziciwe mu bikorwa vya gisirikare vyari birongowe n'Ubufaransa, harimwo Ruben Um Nyobe, umutegetsi akomeye yari arongoye umugambwe ugwanya Ubukoloni UPC.
Ubufaransa bwahindiye ibihumbi amajana b'abanya Cameroun mu makambi y'abegeranirijwe hamwe, bunafata mu mugongo abagwanyi bakora ikibi kibishe ngo bahashe abagwanira intahe yo kwikukira, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru rya AFP risubiramwo ico cegeranyo.
Ibihumbi mirongo vy'abantu barishwe hagati ya 1956 na 1961, nk'uko ico cegeranyo c'abahinga muvyo akahise kivuga.
Ingingo yo kugira amatohoza no gushira ahabona ivyayavuyemwo ku ruhara rw'Ubufaransa ku mabi yakorewe abari mu rugamba rwo kurondera intahe yo kwikukira yafashwe mu 2022, igihe Macron yari yagize urugendo i Yaounde.
Yaje iva ku kamo katewe n'abo hagati muri ico gihugu basaba Ubufaransa kwemanga amabi bwakoze muri co gihugu bwahoze bukolonije no kuyatangira indishi y'akababaro.
Macron kandi yashikirije icipfuzo co gukorana na Cameroun mu ntumbero yo kubandanya ayandi matohoza kuri ico kibazo, ari na ko yashimitse ko bikenewe kuri ivyo bihugu vyompi ko ivyavuye muri ayo matohoza vyoshirwa mu makaminuza n'ibigo vya siyanse.
BBC yarondeye reta ya Cameroun kugira igire ico ivuze kuri ivyo prezida w'Ubufaransa yemanze.
Mu gihe Macron ata co yavuze ku ndishi y'akababaro, bisa n'uko ari co kintu gikomeye kizoshimikirwako mu biganiro muri Cameroun mu misi iri imbere.
Ku butegetsi bwa Macron, Ubufaransa bwaragerageje guhangana n'ikibazo ca kahise kabwo k'ubukoloni bw'ikibi.
Mu mwaka uheze, bwaremanze ku ncuro ya mbere ko abasirikare babwo "basasitse inganda" muri Senegal, aho abasirikare bo mu burengero bwa Afrika bishwe mu 1944.
Macron yaremanze kandi uruhara rw'Ubufaransa muri jenoside yo mu Rwanda, aho abantu bashika 800.000 bo mu bwoko bw'abatutsi bishwe, anabisabira n'imbabazi.
Mu 2021, yavuze ko Ubufaransa butahaye agaciro ubutumwa bw'imburi ko inganda zari zigiye gutikira, ahubwo "bushira imbere agacerere mu kibanza co kurondera kwihweza ukuri".










