Imvo n'Imvano ku ihohoterwa ryo mu ngo rikorerwa abagabo mu Burundi

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano ku ihohoterwa ryo mu ngo rikorerwa abagabo mu Burundi
Imvo n'Imvano ku ihohoterwa ryo mu ngo rikorerwa abagabo mu Burundi
Abagabo n'abagore bari imbere y'inyubako

Ahavuye isanamu, Boniface Nduwimana

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze muri iki kiganiro c’imvo n’imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 ukwezi kwa gatanu mu 2023.

Mu kiganiro c’uyu musi tuganira ku kibazo c’ihohoterwa ryo mu ngo rikorerwa abagabo mu Burundi. Iyo bavuze ihohoterwa rifatiye ku gitsina mu ngo, abantu benshi bahita bumva ko ari iritumbereye abagore n’abakobwa gusa mu Burundi, ariko ubu bitanguye kugaragara ko igitigiri c’abagabo na bo bahohoterwa mu ngo kigenda ciyongera mu buryo butandukanye.

Ishirahamwe HOMME EN DETRESSE, mu Kirundi “ABAGABO MU GAHINDA”, riharanira agateka k’abagabo mu Burundi, kuva rishinzwe mu 2021 rivuga ko rimaze kwakira abagabo baryitura barenga 230.

Iryo shirahamwe rivuga ko hari abicwa, abakubitwa, abirukanwa mu ngo, abangazwa eka mbere n’abiyahura. Nko kuva uku kwezi kwa gatanu gutanguye, iryo shirahamwe rivuga ko abagabo batanu bamaze kugandagurwa n’abo bubakanye. Igitigiri c’abagabo bahohoterwa gishobora kuba kirenga ngaho.

Hari abatanguye gutera akamo ko hoshirwaho umusi wo kwibuka amabi akoregwa abagabo nka kurya hari uwo abapfasoni, mu ntumbero yo guhimiriza abagabo bakorerwa amabi kuva mu gacerere bakabivuga gutyo hagatorwa inyishu irama.

Ku ruhande rw’abapfasoni, bavuga ko badahakana ko hariho abagabo bahohoterwa ariko ko kenshi ari bo bakunze kubikorerwa. Abagore kandi bavuga ko badashigikiye ko abagabo bahohoterwa.

None abagabo bahohoterwa biturutse kuki? Bahohoterwa na bande no mu buhe buryo mu gihe tuzi ko ahubwo ari bo bakunze kubangamira abo bubakanye? Kubera iki igitigiri c’abagabo bahohoterwa kigenda ciyongera? Inkurikizi n’izihe? Hokorwa iki kugira ubwo bube gito buhagarare?

Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.